Abarundi barakinisha uburozi n’ubumara buhagaze kubgoko bg’Abahutu n’Abatutsi.

Mu nama bakoze yo kuraba yuko ibitigiri vy’ubgoko vyokwisungwa bose basemereye bagira bati: « Mubambe mubambe n’amaraso yiwe azodukoreko n’abana bacu » . Iryo ni iryungane abantu basemere kugira ngo Yesu yicwe ku musaraba kandi bari bazi yuko atacaha yakoze. Abarundi bavuze ibintu bisa n’ivyo bashigikira ngo ibitigiri vy’amoko bigumeho.

Hari uwanditse agira ati: « Umuntu yatowe hisunzwe ubgoko, azokwigera yemerako bikugwaho? Abadashaka kobivaho, ntimubonako bashigikiye amasezerano ya ARUSHA? Abadashigikiye Amasezerano ya ARUSHA ariko bipfuzako kwisunga ubgoko bigumaho, basaba ko ibiharuro 60%-40% bihinduka bikaba 85%-14%-1% »

Abarundi bari mu bantu baguma bakokeza umuriro mu gihugu cabo batabizi mu gushigikira umutimabgenge wo kudasa mu moko « le renforcement de la conscience et différenciation éthnique » kugira abana b’Abarundi bakura bazi yuko bafasa kandi ariko bazogabura n’ubutegetsi. Ikindi citongerako ni ugushimangira yuko ubgoko ubu bumenya yuko umwe angana n’abana 7 bo mubundi bgoko nk’uko ibitigiri bingana nkuko bibonekera mu gusangira ubutegetsi. Ivyo vyitwa ( l’inégalité ethnique)

Mu gushigikira ivyo vyiyumviro ntibabura imvo zidafasha bishimikiza. Ivyo vy’uko Abarundi barinda guharurana ku moko bikwiriye kuzimangana, abana b’Abarundi bakavuka bangana kandi bagahabga amahirwe amwe imbere y’amategeko. Umurundi wese akwiriye kuvuka ari umurundi kandi akitabgaho mu buryo bgose bushoboka.