
Umuntu yariko ariyumvira kur’uru rwete rw’umushikiranganji w’ubutungane afashe akarorero kamwe muri twinshi dusanga mu bushikiranganji butandukanye aca agira ati:
IVYO RETA IGIYE GUHOMBA
Min Finances n’uwutwara BRB bati, abenegihugu nibamenyere kurihana badakoresheje ama cash
Jewe ndabashigikiye…none umushikiranganji ajejwe ubutungane, ntiyarakwiye kuba akarorero?
Reka turabe inyungu zinyegejwe
- Hateguwe guhemba abahuza bose bokumitumba igize u Burundi: imitumba hafi 3000….ugwije nigitigiri c’abahuza utiriwe urakuramwo abirukanwe murugo rwego urabonako amahera atari make
- Hazokotwa imiduga myinshi, kandi kumahera menshi….mbega iyo miduga niyabande?
- Iyo miduga izonwa igitoro kingana gute, dushizemwo nubusuma bugiherekeza?
- Abazoja guhemba ayo mahera, mumakomine yose agize igihugu, nibangahe, Frais de mission yabo izoba ingana gute?
Dufatiye kurivyo vyonyene, RETA izohomba amahera menshi, kandi ihombejwe n’ubushikiranganji bujejwe ubutungane
None vyokogwa gute kugira RETA ntihombe?
- Abahuza bose barafise telefone, nihakoreshwe service za Lumicash
- Hadakoreshejwe service za lumicash, nibakoreshe services za poste, buri komine bugururemwo konte abahuza bahembegweko.
- Hadakoreshejwe services za postes nihakoreshwe ama COOPEC
Aha ntaye umwanya, kuko abasahura RETA ntibovyemera
Urashobora kuba nawe ufise iciyumviro co kumwunganira canke kwirekana yuko yihenze urashobora kugishikiriza.