
Système i na u yoba yoba iriko irakoreshwa? N’uyu munsi iracahari mugabo yahonduye ishusho gusa. Iyumvire nawe.
Kahise k’u Burundi karababaje, uwobishobora yobuzako tugasubiramwo
- Ecole d’Excellences yashinzwe kubera akanovera k’indero kaheze mumashure nka yose, bgabaye rero uburyo bgo gusubira kugerageza kurondera incabgenge zizofasha mw’iterambere ry’igihugu.
- Kubisanzwe, iyo ninyishu ifise ingaruka mbi cane, kuko bica vyerekanako hariho amashure y’incabgege, n’amashure y’ibijuju.
- None, ayo mashure d’excellence ajamwo bande ? Tutabeshanye, ntamwana wa nyarucari ayigamwo, numwe yoba yagiyemwo kuba ari ugusamara…bavugako bakora ibibazo, ariko impinyanyuro zirakogwa…ivyo biroroshe guhinyuza
- Abo banyeshure biga murizo shure, vyitwako aribo ncabgenge zidasanzwe, bakigishwa n’abigisha karuhariwe….ariko iyo batumyeko abaja gukora ikibazo kibemerera kwiga Médecine, abatize Ecole d’Excellence babafatira kumanota menshi cane yo muri Examen d’Etat, kugira bemeregwe gukora ico kibazo
- Ibaze namwe, umunyeshure yize ahatagira intebe, ahatagira ibitabu, ahatagira labo, ahatagira abigisha bakwiye, ariko agashobora kuronka amanota menshi muri examen d’Etat, akarusha uwo muri Ecole d’Excellence, uwo vyukuri ntaba arincabgenge gusumba uwo yaronse make, kandi yize afise vyose ?
- Bibonekako, ata mwana wa nyarucari, azosubira kwiga medecine canke ibindi bisata d’Excellence…aka ni akamaramaza.
- Umuntu yateguye uwo mugambi, yakoreye nabi igihugu, ariko ngaha abakuru bafise abana bariko biga mumashure y’incabgenge kandi atarincabgenge bambona nk’umwansi w’igihugu…uku dusoma ivyabaye kuri RETA ya BAGAZA tukamaramara, niko nabazosoma ibibera muri Ecole d’Excellence bazomaramara….Twikebuke twubake igihugu tucubakiye ku kuri kuko ibinyegezwa uyu munsi ruzocika urusekebuye mu kanwa k’Abarundi aho bukera.