
Biatangaje cane kandi birababaje kubona abarongozi b’igihugu batangaza yuko Abarundi bokoresha imizimu bagahindukira bakavuga yuko bashize Imana imbere. Iyo Mana nyene ariyo yavuze yuko kizira kikaziririzwa ko hagira uwuhamagara imizimu. [Abalewi 19:31, Yesaya 8:19]
Abapfumu barafise ubuhinga bgokuvugana nokubona ibindi vyaremwe bitagira imibiri: amadayimoni, amajini, abamarayika, imizimu
ivyo vyaremwe bitagira imibiri nkiyabantu, birakoreshwa muri technologie cane, no mubuvuzi, mukuroga, ariko kugira vyemere gukorana nawe, birafise ibintu bigusaba: amaraso y’abantu
None mwumva abapfumu beza ari abahe?
Muzoshobora kumenya gute, abantu bakoresha ivyo vyaremwe bitagira imibiri?
- Umusavye ikintu, cane cane amahera, ntashobora kuyaguha mu ntoke, acayaterera hasi, ukamengo aramwiyatse.
- Kenshi ntashobora kukuramutsa ngo agukore mu ntoke
- Umuhaye ikintu anwa, uzobona abanza gusuka dukeyi hasi
- Naho yoba ashonje gute, ntashobora kurya ikintu ngo akimare, ategerezwa guta hasi gatoyi, n’inyama asiga imwe k’umugeto
- Abantu nkabo baragendera cane, kubiyaga, kandi uzobabona batahanye, amazi yo mukiyaga, canke ivyo bita amazi ahezagiye.
- Uzosanga bakunda gusenga cane, ariko ugasanga aho basengera, bahacanye ama bougie, rimwe narimwe y’amabara atandukanye naho hoba ari kumurango.
- Aho abo bantu basengera, muzosanga bahaturirira ibintu bimota cane, ngo kuko burya ico duhuriyeko nivyo biremwa bitagira imibiri ni ukumotegwa.
- Mukazoja gusengera ahantu, mukabona babamija amazi, muzomenyeko babinjije mwisi y’impwemu mbi.
- Abantu nkabo iyo muriko muraganira, usanga yameze nkuwugukubita mumutwe, amaja kwirugu ngo kuko niho hari numéro y’umugisha w’umuntu, hari n’igihe amera nkuwugukora muruhanga, ngo abagutwaye ingabire y’ukumenya.
- Mugutwara umugisha umuntu bakoresha amahera, batongereyeko: ikingorongoro, inoti y’ijana, inoti y’amajana atanu, inoti y’igihumbi, inoti y’abibiri.
- Niwa zinduka mugitondo ca kare, aho uca, ukahabona, ikingorongoro, inoti y’ijana, iya 500, iya 1000, iya 2000, uzoba utoye umwaku… nimubuze n’abana banyu gutora amahera nkayo hasi…cane cane mugitondo cakare….imbere ya sambiri….numwanya uwariwo wose imbere y’irembo.
- Hagize umuntu muhura, ukabona aguhaye amahera make cane, atanayo warumusavye, dufate nkuwoguha 500, 1000, 2000, 5000…atari wewe uyamusavye, kandi uri murugero rwo kuronka amahera menshi arutayo, uzomenyeko ya kuroze
- Abantu nkabo kenshi barambara n’ibiheko ( agakoni, ihirizi) babigendana mungodomoni, akagura isaha nziza agaca agashira indani, ugasanga ni agasharizo yambara kukuboko canke mwizosi….