Amagara y’abantu ntahabga agaciro ku mavuriro menshi mu gihugu.

Ivuriro ryo mu Bigera muri komine #Busiga mu ntara ya #Ngozi rimaze iminsi 4 ata muganga atonda ku kazi

Abagwayi bava mu mitumba ya Mihama, Makombe, Nyamisebo na Bigera cane cane abagwayi ba malaria, abakenyezi bibungenze n’abagwaye izindi ngwara baratonda bakabura uwubakira

Kuri iryo vuriro, gushika isaha 4 zo ku mutaga wo kuri uyu wa 28/08/2023 havugwa imirongo miremire y’abagwayi, hakaboneka planton gusa

Jean Bosco Niyonzima ayoboye intara y’ubuvuzi ya Ngozi avugako ariko agira amatohoza

Isaha 6 zo ku mutaga uwuyoboye iryo vuriro ryo mu Bigera niwe yarari ku kazi