

Ivuriro ryo mu Bigera muri komine #Busiga mu ntara ya #Ngozi rimaze iminsi 4 ata muganga atonda ku kazi
Abagwayi bava mu mitumba ya Mihama, Makombe, Nyamisebo na Bigera cane cane abagwayi ba malaria, abakenyezi bibungenze n’abagwaye izindi ngwara baratonda bakabura uwubakira
Kuri iryo vuriro, gushika isaha 4 zo ku mutaga wo kuri uyu wa 28/08/2023 havugwa imirongo miremire y’abagwayi, hakaboneka planton gusa
Jean Bosco Niyonzima ayoboye intara y’ubuvuzi ya Ngozi avugako ariko agira amatohoza
Isaha 6 zo ku mutaga uwuyoboye iryo vuriro ryo mu Bigera niwe yarari ku kazi