Ku bganyu, Abarundi baragoye kurongora canke abarongozi nibo bafise agahaze!

Abarundi boba bagoye gutwara canke ababatwara nibo babagora?

  1. Iyo abenegihugu bagiraniye amatati, bariyumvikanira, bigaherera muribo
  2. Iyo bigiyemwo abacamanza, imanza ntizihera, kandi kubice birenga 90% hatsindwa uwari mukuri
  3. Iyo uwuri mukuri atsinze, kubice birenga 90%, imanza ntizikurikizwa
  4. Abantu bagiye bafatwa mubusuma bg’isukari, baba abahanwe, canke abatahanwe, usanga ari abategetsi, abajejwe intwaro, twibukanyeko uwambere yafashwe mu busuma bg’isukari yari umutegetsi ahambaye muri sénat
  5. Abantu bose, bafashwe muri magendu yigitoro, bari abajejwe intwaro, akarorero intara ya Rumonge
  6. Abagirizwa ukunyuruza amatungo ya Reta, bose, bafise ivyo bajejwe muriyo Reta, nyene, ntamutu ataco ajejwe muri Reta, yoyiba.
  7. Abafise ivyo bajejwe, nibo bapfungira abantu ubusa, kandi ninabo bankako nuwaheje umunyororo ataha.
  8. Ubusuma buhanitse, buri mumasoko ya Reta, muri kino gihe, nta marché ouvert zikibaho, vyose ni gré à gré

Abarundi barakugora, iyo ubategeka kugwanya ubusuma nawe bakubona wiba

Ushima ko baguhinyuye, uravuga ntibakoma amashi, baza kukwumviriza kubera batinya agasho namande.

Nawe wavuga ukabonako ivyo uvuga batavyumva, ukabasaba kwikomera amashi, canke ngo bayakomere Imana…. Menyako bigeze aho, uba usigaje igihe gito ngo wamburwe ubutware.

Une réflexion sur “Ku bganyu, Abarundi baragoye kurongora canke abarongozi nibo bafise agahaze!

  1. Erega abaringozi bava mu barundi,nimba abarongozi bahajije ikintu n,uko abarundi bahajije ,kandi bagoye kuko IMPAMVU N,IMICO YACU N,IMIGENZO yacuEnvoyé depuis mon appareil Galaxy

    J’aime

Les commentaires sont fermés.