Abategetsi benshi nti baraba ejo h’igihugu c’Uburundi

Hariho ubgononyi bumaze igihe bukogwa, nabantu bafise amabanga ahambaye mu gihugu be no muntara

IkIBIRA BAKIRANGIJE

  1. Bimbayo ubutare
  2. Babazayo imbaho
  3. Baca imigano ishogwa i Bujumbura, kandi abakora ibintu mu migano murabazi
  4. Barimirayo ibiraya, kandi indimo baguma bagura
  5. Borororeyeyo, abandi bakahirayo.
  6. Birya vyatsi biborera hasi, barabikukumba vyose, bakabijana kubitabiza imirima….hakoreshwa imodoka za OTB

None ntituvuge kuko bikogwa n’abakuru, kandi bigira ingarukambi kugihugu cose?

  1. Inzuzi zivomera ikiyaya c’imbo zizokama kuko amasoko yazo ava mu kibira.
  2. Inzuzi zivomera bassin ya Kagera nka Ruvubu, hazogera igihe zikame

Mushobora kuraba ikibira muri inyuma mukibazako kikiriho, hagati barakimaze

Abakora ivyo, ntabaziko umutu ashobora kumenya situation y’ikibira atanarinze kucinjiramwo…. Nibikubite agashi.

Jewe nteye akamo, Buramatari wa Kayanza, Uwutwara umugambge mu Kayanza, uwutwara igendereza mu Kayanza, bicarane, bavugane ingene ivyo bintu vyohagarara, murashoboye guhagarika abo bose bari murivyo.

Uwutwara ikibira, benuwuwara uburimwi, ntaco bovuga imbere yanyu….ntana rapport boshobora gusohora bavugako hari ibitagenda neza mu kibira.