
Abazi yuko Abasangiye ubusa bitanga ibisambo batahure:
- Aho gupfunga umu chef de zone, umu sitanteri, … ngo yagurishije isukari mureke ugwize isukari mu gihugu urabe yuko hari uwuzosubira kuyirya.
- Mwirirwa muriruka inyuma y’umwenegihugu ngo yagize fraude y’ikibuni c’igitoro, umukuru w’igihugu, umushikiranganji, aba commissairi,…gushika kuri nyumbakumi. Ni mureke abanyamitahe bazane igitoro bagisuke mu gihugu murabe yuko hari igitoro kizosubira kuva kuri station atari imodoka zinywesha gusa.
- Ibitenge, mukirirwa murafata abantu, mubanyaga utwabo, mubashira mu buroko ngo bagize Fraude y’ibitenge. Bareke bavyinjize kuri gusa co kimwe n’ibindi bisumwa, mubarihishe ikori-OBR harya mwidandarizo gusa.
- Ivyo vy’ifumvire, isima,… n’ibindi vyose vyinjire biva hanze kandi ikori ribe rito ku neza y’uwidandariza murabe ko hari na kimwe gisubira ku bura mu gihugu.
Hari abakora muri OBR canke abafata ngingo baca banyagiriza ngo ndoroheje ibintu ngo bohomba. None ubu mwagumije ibintu niho ibigega vya leta vyuzuye!
Ikintu cishe igihugu cacu, ni abantu bashika ku butegetsi bagaca bitaho kwiyubaka no kwikomeza gusa ntibabone inyungu z’igihugu mu myaka 10, 20, 30, 50, 100, 200,… abandi bishe igihugu c’Uburundi n’abantu bashobora guhindura ibintu mugabo ntibabikore.