Imburi n’ubuhanuzi ku gihugu c’Uburundi


Twari kumusozi turi gusenga niho Mpwemu w’Uhoraho yururuka aciye mumusavyikazi numusavyi bayo atangura kutubwira ibi bikurikira:
1.Nd’Uwiteka atarobanura abantu kubutoni
2.Harahiriwe abatagira umunwa nka samusure.
3.Uhoraho yabihishije abanyabwenge ibihishurira inzoya kandiko agasuzuro nagakengerwe tuvyirukane kugira impamba yurugendo tuvyakire
4. Umuntu wese atekere iyiwe mpamba bareke kurabana mumaso
5.Umusirikare wo mumubiri natore iyiwe nkoho ayirambike hasi atore iyo mumpwemu
6.Yatubariye ko ifomba itujabutse ariko imyambaro ntabwo inkwiye abataha ubukwe ariko yatujanye kugira iduhe impamba yanyuma Kandi icitubwira tube maso dutore Ivyacu
7.Ntitukiri mu masaha turi mu minota kugira dushike muvyasenzeranwe Kandi tureka kwitiranya ibihe Kandi tubaze iyo ubuhungiro buri kuko benshi batazi iyo baziruka bajana

  1. Samusoni icamutumye bamunokora amaso nikubera ubusamazi Kandi dutegure ibisigaya kuko tusigaye muminota Kandi ko impunzi zije ivyo tukeneye tutarabishitsa hazokwirikirana iki?
    9.kubashitsi ngo naho harubwoba Niyo yokubaduza kuri kurya giti.
    10.kandi ko igiye gukora akanyuma Kandi kakavugutu harahiriwe uwuriko aharanira ubungingo.
  2. Ehe raba musigaranye umwanya muto kwigiye gukingura akugi gato Kandiko bigiye kubakomerana
    12.abantu biyeze kuko mubuhungiro ntamuntu azoronka wo kwiyeza
    13.umwanya bariko bagabanye kuko ibihe birahindutse kuko hageze aho umwumwe agiye kwijana kuko ibihe birahindutse.
    14.Tubere maso ico twavuganye nayo kandi umwe wese yiyubare kandi amenyeko igihe co kujabuka ariki.
    15.Nta gisibaye umwe wese atekere impamba ye kandi bamuciryanino bagiye gusigara bajarajara Kandi igihe kirageze aho umuntu azotungwa nivyo yavuganye nayo.
    16.Kanguke kandi mukangujke kuko bamwe bariko basinzira. Kandi igihe cashitse kandi kubashitsi bahagarare maso kuko imbere habayo uruzingagi mube maso.
    17.Ni twitegure kuko ivyavuzwe bigira bishike kandi atubwirako yahejeje gutondeka kandi iyaba twabona intumwa yayo ifita inzamba Kandi nyene gusuzuma ariko asuzuma imyampi kwisize amavuta kandi agira aheze kuyiraba kandi abari kukivi nabo bari maso kandi mwumvire amajwi yo mumitima kuko ariyo mugiye gukoresha aho muzoba muri.
    18.umwe wese ashitse ico yavuganye nawe kuko ingabo z’Uhoraho ziriteguye nitwe tuzitebeje kandi uwuvuza inzamba ari hagati muri twebwe kandi abari maso bazokwumva inzamba ivuga kandi bazobona ibikurikira.
  3. Abarindiriye amasezerano y’Imana ntimucike inkokora kuko ugutabarwa kurabonetse. Guma mwizera amasezerano mwahawe kuko arashitsa.

2 réflexions sur “Imburi n’ubuhanuzi ku gihugu c’Uburundi

Les commentaires sont fermés.