Inkuru ibabaje kuba généraux mu basirikare n’abapolisi bo mu Burundi

Umviriza inkuru iraho y’umu général araho. Sinoyemeza kuko nivyo nabwiwe. Yoba ari inkuru igana akariho mi bahutu.
Uwo mu Général yakuye mushikiwe ruguru amuzana kuba iwe. Aramurihira amashule aratsinda. Amaze gutsinda ararondera akazi arabura. Aho musaza we ntaco yamufashije muvyo kurondera akazi mugabo aguma amuha indaro nk’umwana mu rugo.
Uwo mukobwa abonye yaburaniwe, musaza wiwe ari Général aguma amurabisha amaso, murazi ico yakoze? Umviriza uko vyagenze.
Yaragiye afata CV yiwe ayiherekeza na lettre d’accompagnement. Ariga signature ya musaza wiwe neza arayisinya mw’izina ry’uwo musaza wiwe. Dossier ayijana ahantu. Bayibonye akazi barakamuhaye.
Haheze iminsi musaza wiwe amubajije uko vyagenze aramubwira. Ngo ntaco yavuze.
Ibaze namwe. Uwo mukobwa iyo aza kuba ari umu maîtresse wiwe ntaba yaramufashije kuva kera? Umuntu ananirwa kuronderera mushikiwe wumva hari murundi yofasha turetse kutwereka impete n »ubutunzi afise?
Uwo muntu narabajije uwo yafashije kugira aduge, wapi!
Tudahendanye kugira mwene wanyu adashobora kuduza abandi harico bifasha. Yaduze wenyene mu muryango kandi azovaho wenyene. Iyo ngeso siyo. Uwo mu Général ndindiriye ko akukuruka nzomwibarize ninaba nkihumeka ico yamariye abandi. Ubu sinomwubahuka yondugika mu mpimba. Umuhutu arungika uwundi, ananirwa kumufasha, gufungwa biroroha.

Umusomyi yagize ati: »Abo nibo imiliyoni 13 z’Abarundi zizeyeko urukiza! » Uwundi amwishura ati: « Haravumwe uwizigira umwana w’umuntu, urukiza rwacu ruri k’Uhoraho. »

Uwundi aca amwishura ati:

Uvuze ukuri nk’ukurima ariko Imana ikoresha abantu.
Muri 1993 iyo tudahaguruka ngo duteshe abansi mukwemera gusesa amaraso yacu, gupfungwa, guca mu mahwa, mu bunyerere, kwemera gusonza no kugenda gusa, n’ubu umwana wanyu aba ameze nk’ivyana vy’ingurube mu gihugu ciwe.
None Imana yarakoze kiracamwo ariko raba aho igihugu bakigejeje. Mwa bantu mwe! Birakwiriye kuva mu majambo bikaja mu ngiro tukikubata agashi.
Inyuma y’imyaka 30 gusa kirasubiriye kuzungazunga.
Reka tuje ku mavi tuzoveyo tugarukanye ijambo ry’ihumure.