


Turakunze kubona amatangazo y’umugwi ushîzwe kunywanisha Abarundi no kurekuriranora uvugako uzogédera Abarundi bari mu gihugu iki canke mu ntara iyi y’igihugu bakegeranya ivyo abantu bavuga mugabo bikagarukira aho kuko n’icegeranyo batanze ku vyabaye muri 1972 kikemezwa n’inama nshingamateka na nkenguzamateka cabaye impfabusa. None ubgo butunzi mukomeza gukoresha n’ubg’iki?
Ubu uwo mugwi utanguye kwiga ivyashikiye Uburundi mu kinjana ca 17 na 18 kandi utanashobora gutanga umuco ukwiriye ku ngene Général Adolph Nshimirimana n’Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza bapfuye umwe mu 2015 uwundi mu 2020.
Hari uwanditse ati: Abantu benshi bibe tête mu kabirerwe k’ubutegetsi, amafaranga n’ivyubahiro gusa.
Uwuraho yakunda kuvuga ngo arahabona ( ekenge) ba murashe mu jisho barya nyene ryaka riva mu karere yakuriyemwo. Niwe yazanye ivya kirapanze.
Nta n’umuntu n’umwe n’ubu aramenya abamugandaguye n’ababatumye uko vyagenze kuko ababikoze nibo nyene botanze umuco.
Uwundi nawe ngo yishwe n’uko umutima wahagaze, ukamengo haruwupfa umutima ukaguma ukora!
None vy’ukuri Abarundi bazoguma babaho imyaka yose mur’ibi? Ku ntwaro za kera vy’aku no ku ntwaro zanyu tugume dukurikira ubgije !
Abantu baguma bimbana, babesheranira, bicana, bapfungana, bangazanya n’ayandi mabi…
Umwenegihugu agakubitirwa kwemera ivyarivyo vyose bije n’ivyo azi neza yuko ari inzira ataho ishika…! Beneco baguma bahunga bongera bagaruka atar’uko ibintu bitunganye mugabo kubera amagiro. Harakwiriye impinduka mu Barundi hakajaho abarongozi b’indyamunyu bahagararira ukuri, igihugu kikubakwa ku rutonde n’abanyamahanga bazipfuza kuza kwibera iwacu.