
Uburundi ntibushobora gutera imbere Abarundi ubgabo badahindutse ngo n’uburongozi buhari ngo buhinduke. Mu gihugu hariho abari imbere y’abandi badafise imbono y’igihugu muri kazoza, n’iyo bayivuze bakabivuga ku karimi gusa kuko ibikorwa vyabo vyerekana yuko ataho Uburundi bgoshika.
Abantu benshi bashira imbere igitsure, ingimba n’ububisha nk’uko aribgo buhizi; bakibagira yuko urukukundo, ubuntu n’ubugwaneza arivyo vyonyene bashobora kwubakirako igihugu c’iteka.
Abandi bigisha urwanko, amacakubiri n’ukwisahiriza hagati yabo gushika naho uwushizwe mu mabanga aca yibaza yuko ba mushize mu kibanza co gusahura no gutemvya igihugu ku rwenge.
Ku bantu bakunda gushira ubgoko canke amaronko imbere, hari uwatubariye yuko Ubgoko bubi bgihonya kandi twese turazi yuko Uwohora imbga gusutama yozimara zose. Aho yariko arishura uwavuze ngo ni bice ibihemu biri mu bahutu canke biri mu batutsi nk’uko imvugo z’abantu ziri.
Umuhinga w’umurundi umwe yagize ati:
“Nibaza yuko muri iki gihugu cacu c’Uburundi tudakeneye kwica ababi, kwica abagwaye mu mutwe canke kwica ibihemu. Jewe ndaba iyo twavuye ( ubgicanyi bgabaye bikorwa hagati y’abatutsi n’abahutu, n’ubgakozwe hagati y’abahutu bicana ubgabo kuva mu mirwi irwana mw’ishamba gushika bamaze no gushika mu gihugu), nogira nti kirazira gusubira kwica mwenewanyu umuhoye icarico cose harimwo n’ububi bgiwe. Uti kuki? Nokwishura nti ni nde ari mwiza ko twese tuzinanye!
Ico sico nagomba kuvuga ariko. Nagomba gushika kur’iki: »Kubera ibihe igihugu caciyemwo, ingene twakuze, ivyo twakuriyemwo n’ivyo turimwo ubu, Abarundi bakwiriye kwigishwa, kurerwa, gutunganywa no kubohorwa kugira ngo igihugu kigire amatanguriro mashasha mu ndero, mu butungane, mu kibano, mu butunzi, mu ntwaro,… »
Ivyo vyo gukubura, gufyeta, gusafisha,… bizomara abo mwari mukwiriye gukingira kuko habuze urufatiro n’ivyitegererezo ku masinzi y’abarundi.
Ngira nti muzi igisumanyenzi mu buryo bg’impwemu kiri mu gihugu kubera (a) bahowe ubusa, ubgoko bgabo bakicwa nabi bagatabga mu mashamba n’ibinogo rusangi, (b) abana bakuze arimpfuvyi, barerwa n’abapfakazi, bakuriye mu buhunzi babona abandi babayeho neza, (c) Abantu bakuze bazi yuko ubuzima ari ukwibako, ugukora ikibi, ugusahura, ukubesha,… kugira ngo igihugu gikire hakeneye ubuhinga, impinyanyuro, ukuvura imitima n’abantu bafise ishaka atari ugukubura.
Umuntu ashitse ku butegetsi adafise imbono y’igihugu, aca arondera babahanuzi ico bamubariye kikaba ico. Ntazi kwiyumvira ngo ahitemwo iciza n’ikibi, mbere kenshi aca aja mu banyamafaranga canke bamwe bagumije igihugu mw’ihumbi akaba aribo bamubera abahanuzi. Bagize bati:
- Mu Burundi nta moko ahari nawe abisubiramwo uko nyene. Ivyo bituma abantu bahushagirika kubo igihugu gitanga akazi bakurikije ibitigiri vy’amoko. Ivyo kandi ni igitutsi ku Barundi ariko ntavyo babona.
- Abakoze ihonyabgoko barashaje nawe abisubiramwo uko nyene. Nta kintu kibabaje nko kwibagira amategeko agenga igihugu cawe, ukiyibagiza n’amategeko mpuzamakungu.
- Ihangiro rya Leta yanyu si ukwemeza ihonyabgoko nawe abishikiriza uko nyene. Leta iyayiyo yose nk’uko biri mw’ibgirizwa Shingiro ijejwe gukingira abantu n’ibintu vyabo. Ukuri kw’igihugu kwose kurabaraba kiretse iyo batanze imihoho.
- Fata Bunyoni niwe akorana n’aba FDRL, yanyegeje amafaranga, igitoro, isukari, ifumbire,… baramwimba mpaka bamwishe canke bamushize mwibuye. Mu bisanzwe iyo numuntu yaba mguto canke mukuru yakoze ikosa hariho amategeko akurikizwa gushika ahagaritswe agashirwa imbere y’ubutungane. Gukoresha amabgire ugaca inyuma y’amategeko vyerekana yuko igihugu cubakiye ku manga.
- Aba (déplacés) impuzi z’imbere mu gihugu ntaco zishe, abahungiye hanze nibo bavamwo imirwi itera igihugu, bakiruka ku mpunzi ziri hanze. Abarundi bose bakwiriye gufatwa co kimwe ari abahungiye hanze y’igihugu canke abahungiye imbere mu gihugu. Leta yokwama igerageza kworohereza umwenegihugu wese mu butandukane bgiwe.
Igituma igihugu kiguma cubakirwa ku manga, n’uko ata ngingo ifatwa yorohereza beneco iboneka, abakuru n’abato bose berekana yuko barushe kandi igihugu gikeneye Intwari zicitangira kugira ngo zigiteze imbere ku neza ya bose.