Abarundi barahahamutse, bakeneye abarongozi babahumuriza atarababatera ubgoba.

Burya n’uko Abarundi twamenyereye kworosha ibintu. Iki kibazo c’Abarundi bahunga igihugu kiva no ku burongozi bubi,, kirahambaye cane. Ubonye umwenegihugu arinze ahitamwo (1) gutekera agashambara (2) gusohoka inzu yiwe akayugara (3) akagenda ( kwomoka) abundabunda ahungira mukindi gihugu, kugira ngo aje kuba muri turi turya dukambi tw’impunzi n’abana biwe.
Ivyo bintu ntitukabifate ibisanzwe. Haba hariho umururazi uri mu mitima y’abantu, utaravye uburemere bg’imvo bavuga. Barinze bavuga umutekano muke, inzara n’ibiciro bibandanya biduga izo mvo zirakwiriye kugira ngo umenye icuka kiri mu gihugu naho benshi babirenza amaso.

A. Mu minsi iheze twarabonye imirongo y’urwaruka rurondera impapuro z’inzira ngo rwomokere mu bihugu vyo hanze. Benshi twivugiye ngo ni bagende kwagura akarere igihugu caraze. Iyo ni imvugo y’abategetsi batagira intumbero n’imbono y’igihugu (vision):
-Kubera yuko urwaruka nirwo Burundi bg’ejo, nizo nguvu zigihugu. Nibo bakwiriye kwigishwa amashure y’ubgenge, amashure y’imyuga mbere n’uwuri hanze mu rwaruka rugakurwayo rukaza gukorera igihugu kugira ngo gitere imbere.

  • Kubera yuko uretse ngo abantu baje mu maronderero usanga incabgege zose zarigiriye ukabura abaganga, abigisha n’abandi bakozi babushitse. Si ibisanzwe kubona igihugu kibanyi caradutwaye abaganga 256. Ni ibara uravye ingene mu gihugu dukeneye abaganga. Si ibisanzwe uravye ingene ibibazo vyo gutanga akazi vyibga, ibibazo vyo mu mashure vyibga. Umutima w’igihugu harya waribge n’uko abantu badashaka ku vyumva.

B. Imbere ya 2015, mwarumvise abantu benshi bahungiye mu bihugu bibanyi ngo bahunze kubera ubuhanuzi bgavuzwe n’umunyarwanda yitwa Gakwaya Bernard, abandi bavuga yuko bahunze inzara. Abatazi ubgo buhanuzi uko bgavuga bgagira buti: « Gen Adolph azokwica Président Petero Nkurunziza, abo kwa Président Petero Nkurunziza nabo bace bica Gen Adolph, intambara ice ihera aho » Hahunze hafi 120.000 mu gihe mu gihugu hari amahoro y’umudesekara. Uca ubona imitima y’Abarundi aho igeze. Abantu bakwiriye gusomorwa imitima.

  • Uretse imvo zivugwa zituma abantu bahunga igihugu cabo haba hariho n’izindi mvo zitavugwa, zinyegezwa mugabo benezo bazi. Izo mwese muzerenza amaso.
  • Uretse n’imvo zitavugwa, haba hariho n’ibintu bituma imitima y’abantu idundumirwa ikabatera kwomoka, guhunga, kwita, kwiyahura, kurwana, kugumuka,… kandi ngaha mu gihugu cacu ntibibuze.
    SE Gen, vyinshi arabivuga, ivyo atavuze King n’umuhinga yigenga bakabivuga n’ibindi vyinshi abenegihugu babona bikabatuntuza guhera ku gacimbiri, kuduga kuri zone, commune, intara,…Erega abantu batobato barabona cane ibitagenda gusumba abategetsi. Ugiye mu gihugu hagati uri umukuru w’igihugu canke umushikiranganji wa mbere, ubatera ubgoba ngo uzobamena uduhanga ni bakorana n’abantu batera igihugu kibanyi aho kubigisha no kubahumuriza yuko ingabo z’igihugu zizokora uko zishoboye kugira ngo zibakingira, mwiyumvira yuko abo Barundi bofata iryo terabgoba gute! Ng’ivyo ivyo bita umutekano muke n’imvo zitavugirwa hejuru.