
Hanga Ryera ry’Imana mwihanye mukezwa mukaba murindiriye isezerano ry’igihugu co mw’ijuru n’isezerano ry’igihugu c’Uburundi, Umumarayika w’Uhoraho yururutse kuvugana n’abo yatoranije agira ati: « Iryavuzwe riratashe, Ihanga ry’abera rigire rishike muri ya masezerano y’igihugu n’ishengero mwahora mwumva. »
Yongeyeko ati: « Mugira mwinjire muri ca gihugu mudatevye. Ni musomere Ihanga Ryera ry’Imana ryose ZABURI ya 45 yose bamenye igihugu binjiyemwo»
Ati: « Ko mwasemereye ngo bihane bakanka kwumva, nguyo umumarayika murimbuzi aragabirije, ari kwirembo ryabo kandi agira akore icamuzanye. Mweho ni mwunwa amarira n’amaborogo, muze mwihorere. Ni mwumva inkuba zasirana, mukabona, mukabona imiravyo n’imisozi ipfunduka umwotsi muze mumenye yuko n’imivo iriko iratemba. Umwe wese aze agumye ico yakiriye, asenge kuko ni iryavuzwe rishitse, amen »