
Umumarayika w’Uhoraho yongeye abonekera uwundi mukozi w’Imana aramubgarira ati:
“Ubu nyene, hagira habe ikintu giteye ubgoba mu gihugu, kizokurikirwa n’ibindi bibi vyinshi ku buryo abariko ikimenyetso co gupfa bose bicwe kuko inkota y’Uhoraho irabanguye. Ivyo birangiye hazoba umunezero udasanzwe, aho atawuzoba akirira ngo arakenye, ngo arashonje, muzobaho mu amahoro, mu mutekano, murye muhage, mubeho neza, mube aho mushaka, murye ivyo mushaka, nta nzara, nta n’ubukene.
Maze muzotamba munezerwe, mutazire Imana yabakuye mu bihe bigoye muti warakoze Mana, integuro yawe Mana ni nzoza. Muzoba mw’Ishengero ryiza muzokoraniramwo ata mpwemu mbi izoba irimwo, ata ba dayimoni bava i kuzimu bazongera kugaruka mur’iy’isi kubatera kuko Imana izoba yavumuye , igahezagira ikongera ikaza kwibanira n’ubgoko bgayo mur’iki gihugu.
Hazoba umunezero mu rusengero, nzoba ndikumwe namwe mutazire Imana munezerewe. Muzobgira abo mu bihugu vyo hanze mubahe inkuru zabaye mu Burundi kugira nabo bakizwe. Hazokizwa benshi kugira nabo ntibazohure n’ayo mahano hiyo murivyo bihugu bitandukanye nkayo Uburundi. Mu bihugu navyo bizofasha u Burundi, hazoza imfashanyo nyinshi, n’abakuru bari muri mwebwe bazokwirikirana iryo tunga riva mu bihugu vyo hanze kandi nta numwe azorisasagura kuko igitsure c’Imana kizoba kiri ku barongozi.
Muzohora mutazire Imana ngo uri mwiza Mana, warakoze kuko watuzigamye mu bihe bikomeye cane, kumwe wajabutsa abanyegiputa, waratujabukije Mana ikiyagagitukura, warakoze kudushikana muri Kanani yo mw’isi, mu Burundi bg’Isezerano, warakoze.”
Uwo mu malayika w’Uhoraho ahejeje kuvuga ivyo yaciye yigira, uwo mukozi w’Imana asigara wenyene, aca aravyandika, Amen!