Ijwi rya Goliyati rigiye kuzimabgana mu matwi y’Abarundi

IJWI RYA GOLIYATI.

« Nuk’ uwo Mufilisitiya, uko bukeye uko bgije, akama aseruka ahibonekeza, abasomboroza, kumara imisi mirongwine.
1 Samweli 17:16″

Uyo dusomye ni ikigatanya bita Goliyati.Yari umurwanyi w’umuhizi wo mubwoko bw’abafilisitiya.
Yar’ikigatanya giteye ubwoba kuburyo amajambo yiwe yo gusomborotsa abisilayeri yatuma bihebura,n’umwami sawuli nawe akihebura.
« 1samweli 17:11 »

Twasomye ngo « uko bukeye uko bwije,uyo mufilisitiya yama aseruka ahibonekeza,
abasomboroza,
kumara imisi mirongwine ».

Uko niko ijwi rya Goliyati
mubuzima bwacu rimera.Goliyati ni igicantege.Nk’uko yaseruka kubisirayeli uko bukeye(mugitondo),n’uko bwije(kumugoroba),ninako abadayimoni b’urucantege bakunda kubigenza n’ubu.Baza mugitondo
(wikanguye ukumva wibukijwe ikibazo kikuremereye,
ukavyuka wihebuye),bakongera bakaza uko bwije(kukagoroba),kugira ngo uryamane ukwiganyira,
ukwihebura.

Ayo majwi y’abadayimoni,
aza mugatondo kugira atume wirirwa ubihiwe,akagaruka kukagoroba kugira urare ubihiwe wiganyira.

Ikindi,Goliyati ntiyaserutse rimwe canke kabiri canke gatatu,yabikoze imisi mirongwine yose.1samweli 17:16″.

Bivugwa ko iyo ikintu ugikoze imisi mirongwibiri n’umwe gihinduka akamenyero,
amadayimoni rero ivyo arabizi.Abisirayeli kumara imisi mirongwine bihebura,biganyira,
vyari vyageze igihe kwiganyira aba aribwo buzima babayeho.Nk’uko n’ubu,bitewe n’ikibazo umuntu amaranye igihe atagisubizo,
kwiganyira usanga vyaramuhindukiye ubuzima,kubw’ijwi rya Goliyati
(ry’abadayimoni b’urucantege).

Ariko rero, ijwi rya goliyati ntawoshobora kuricecekesha we ubwiwe,kubwo ugutahura canke kubwo kwiremesha.
Uzosanga n’iyo ubigerageje bidakunda,rirongera rikagaruka.

Ibihumbi vy’abisilayeri bari kumwe n’umwami wabo,ntivyakunze ko ijwi ry’uwo mufilisitiya ritabatera kwihebura bose.Umwe wenyene niwe yabishoboye.Dawidi niwe yatesheje agaciro ijwi rya Goliyati,kubw’Imana yiwe.

Ijwi rya Goliyati ntakindi kiricecekesha,
ricecekeshwa gusa n’umuntu ashikamye mukwizera Imana yiwe.

Dawidi vyarangiye anesheje goliyati,ariko ntiyabishobojwe n’ubuhizi asanganywe,canke n’abamutera intege,yabishobojwe n’ukwizera Imana,bituma nayo imanuka,
iramushigikira,
iramuneshereza.N’ubu niko bikimeze,Goliyati aguca intege azotsindwa n’ikwizera Imana yawe.

Umwami Yesu Kristo yamamare hose.