
Nagiye kuri Hoteri yitwa Itanguriro mu nzira yo Kuvayo. Mu nzira nahabonye Abalewi bari Guharura abantu mu Gusubira mu vyagezwe, mu gihe Yosuwa yariko yiyumvira ku muryango w’ Abacamanza, kandi nongera mbona Rusi ariko ahamagara n’ijwi rinini, ati Samweli, Samweli; muri ako kanya nyene Abami 1 n’Abami 2 bo ku Ngoma 1 n’iya 2 bari baje kuraba Ezira, Nehemiya na Esiteri kugira ngo babahumurize kuvyabaye kuri Yobu mwenewabo, batangura kuririmba Zaburi no kwigisha Imigani kubana, kubijanye n’ Umusiguzi no kwigisha abana uburyo baririmba Indirimbo ya Salomo.
Ibi vyahuye n’igihe Yesaya yari agiye kuraba Yeremiya yari atewe n’ Ugucur’intimba, maze Ezekiyeli na Danieli nabo bari bari kumwe kuko ari incuti zabo. Mur’ako kanya Hoseya, Yoweli na Amosi uko bagendana ari batatu badashobora gusigana baba barahashitse. Nyuma y’iminsi itatu mbona ubwato buje harimwo Obadiya yicaye imbere, nagize ngo aje wenyene ariko kuntebe y’inyuma mbona hicaye Yona, Mika na Nahumu baje i Yerusalemu. Mur’ico gihe Habakuki aja kuraba Zefaniya nawe amubwirako barikumwe na Hagayi incuti ya Zekariya muvyara wa Malaki.
Inyuma yo kugenzura ivya kera, Matayo, Mariko, Luka na Yohana uko ari intumwa zine zisa, baba binjiye mu Ivyakozwe n’intumwa, nivyo vyashimishije Abaroma bahita bashiraho umugwi w’ Abakorinto1 kubera ko Abakorinto ba 2 bitandukanije n’ Abagalatiya. Mur’ako kanya bamenya ko Abanyefeso n’ Abafilipi bari hafi y’ Abakolosayi, niho bahise baja kuraba Abatesalonike ba 1 kandi mu gihe bariko baraja kuraba Abatesalonike ba 2 bagomba guca kwa Timoteyo wa1 n’uwa 2 kuko bari bagiye mu nzu kwa Tito kugira ngo bigishe Filemoni gusoma no kwandika kw’ Abaheburayo. Kur’iyo nkuru Yakobo nawe asaba Petero wa 1 n’uwa 2 kumusobanurira igituma Yohana wa 1, uwa 2 n’uwa 3 babariye Yuda, Ivyahishuwe vy’urwo rugendo.
Biragufasha kumenya ibitabo vyose vya Bibiliya uko ari 66.