
Mu kiyago Abarundi bagiranira bariko barayaga, hariho uwo base bakunze ivyiyumviro vyiwe kandi barabishigikira mbere barahava basaba yuko hari uwoshikana ubutumwa bgabo imbere. Yari yagize ati: »
Hariho abagenzi banje batumvikanye kubera impavu zidakenewe ko ndazivugira ngaha.
Umwe ngo yabwiye uwundi ati:<< Jewe nahawe n’umutwe wanje wewe reka kumpohotera wahawe nuko uzi kurasa gusa>>.
Uravye akahise tuvuyemwo abazi kurasa badukuye habi kuko igisoda categerezwa gukungwa nikindi. Ntawobibatuka. Igisoda kizana umutekano. Mugabo ntigifasha kwiyumvira iterambere. Iterambere rizanwa nabiyumvira kugira abenegihugu bongereze umwimbu, bagire amagara mazima, amabarabara meza, aho abantu baba heza, guteza imbere ikigega ca Reta biciye mu ma taxes n’ibindi nibindi.
Iterambere ritangurira k’undongozi mu mitwe ipanze kandi bakunda igihugu. Ngukunda igihugu, kubwanje s’amajambo, gukunda igihugu n’ugukunda abenegihugu. Uwupanze kwironderera akanoti naho womuha ibigana gute ntaterambere azana? Abahutu bafashije kuzana amazi iwabo, amatara bangana gute? Nibaza ko ari bake.
Ntiwogendera mu kimodoka kinin uca mw’i mabarabar ryaboze, ntitwobura imbuto zirobanuye ukora muri ISABU, umbwire ko uri incabwenge. Incabwenge nyayo niyiduza abandi basagiye gupfa nugukira.
Amashure araguha ubumenyi mugabo ntakwigisha ubwenge. Utagiye mw’ishure naho wogira ubwenge ukagira ubumenyi buke ntushobora kubona kure: vyose ni magirirane. Uwutinze menshi akora ivyashoboye igihugu iyo gipanze. Jewe nibaza ko arizo ngorane dufise ubu kubera akahise k’abahutu bagumye baganzwa. La gestion de la rébellion est en principe différente de la gestion des affaires d’État et du développement. Ndazi neza ko tumaze kuronka abantu bafise ubumenyi bwo mw’ushure no hanze yaryo, n’ubwenge bwo kubaho (l’intelligence) abo nibo dukwiye gushira imbere kugira batubere indongozi. Abandi bakore ivyo bashoboye.
Umwihwezo: Ibintu bimeze uko biri uyu munsi kubera yuko mwirukanye incabgenge maze mutangura gukora ibitari ivyiwanyu. Abantu bose bakwiriye gukora ivyo bigiye, umwe wese mu buhinga, mu mwuga yanonosoye akongerako ubuntu n’urukundo rw’igihugu.