
Barira umukuru w’igihugu, barira umushikiranganji wa mbere na leta arongoye, barira umukuru w’inama nshingwamateka n’inama nkenguzamateka, barira umukuru w’umugambge n’abandi bose yuko révolution ishitse mu gihugu canye. Niko Uhoraho agize!
« Yewe ubarira Siyoni ubutumwa bgiza, duga umusozi muremure; yewe ubarira Yerusalemu ubutumwa bgiza, semerera cane ushimitse; semerera, ntutinye; ubgire ibisagara vy’i Buyuda, ut’ Eh’ Imana yanyu! Eh’ Uhoraho Imana azoza afise ubushobozi, kand’ ukuboko kwiwe kuzomutwarira: raba, azoza azanye impera, kand’ inyishu yiwe ir’ imbere yiwe.
Yesaya 40:9-10 »