Umukuru w’Inama nshingamateka yavuze ibihushane bikomeye

Abarundi benshi baritiranya kuba umunye politike no kuba umubeshi canke mahindagu. Ico ni ikimenyetso ku bantu baba batazi iyo bariko baratwara igihugu. Ibi bifatiye ku cegeranyo wa mugwi w’igihugu CVR wama uriko uratanga. Ubgambere warakoze icegeranyo, inama nshingwamateka n’inama nkenguzamateka ziremeza yuko mu Burundi mu mwaka wa 1972 habaye ihonyabgoko. Mu cegeranyo naco carawe gitanzwe, uwo mukuru w’inama nshingwamateka yivugiye ngo leta y’Uburundi nisabe imbabazi ku mabi yakozwe mu 1972. Iyo mvugo ikaba ifahuye n’iyaambere.

Umuhinga umwe yaciye yandika at: Abatwara igihugu c’Uburundi womengo ntibazi iyo bariko barerekeza igihugu.

Hariho amayeri menshi yo kizimanganya ihonyabgoko harimwo no guhenda Leta ngo yasavye imbabazi mu kibanza c’abarikoze canke kuryita ubgicanyi busanzwe. Abarongozi b’igihugu cacu barakora akantu k’ubusamazi canke ko gusamaza Abarundi nko kuvuga ngo:

  1. Umukuru w’igihugu yavuze yuko abakoze ihonyabgoko bashaje, hari ubgoko b’abaleta n’abenegihugu, nta vyemezo bikwiriye CVR yatanze…
  2. Leta Nkozi Leta Mvyeyi mu migambi yayo nta kwemeza ihonyabgoko ihonyabgoko birimwo nkuko PM yabivugiye mu bufaransa,

Ibintu vyo guca iruhande ukuri burya bizokwega akarambaraye mu gihugu. Abarundi barakeneye inzira yo kuva muvyo baciyemwo kugira ngo bahangane n’ibindi bibazo bihanze urunganwe rw’uyu munsi. Uko baguma bazunguruka iruhande y’umuti w’ ubgicanyi bakanapfukapfuka ibi na biriya niko baguma begereza ubundi bgicanyi bubishe kandi nabo nyene butazobaziganya naho batabibona. Ico kibazo gikwiriye kuba mu nzira.