Ishengero rya Yesu Kristo-IHANGA RY’IMANA riri ku kivi mu gihugu cose c’Uburundi: Irabire ubutumwa ryatwaye.

« MWIZERE, MWIHANE IVYAHA MUBATIZWE MWEZWE KUKO UBGAMI BG’IMANA BURI HAFI » UBUTUMWA TWATWAYE MU BURUNDI BGOSE.

Ico nico gikorwa Ishengero rya Yesu Kristo-IHANGA RY’IMANA ririko rirakora mu ntara z’igihugu cose c’Uburundi. Muntu utaramenya ukuri, wewe utaramenya yuko Abarundi ari Ihanga ryatoranijwe n’Uhoraho Imana kugira ngo rikwize ishimwe ry’Imana mugutwara umuvyuro n’ikanguro hose, ni wegere abarongozi b’Ishengero ry’Imana kugira ngo umenye inzira y’agakiza kuzuye.
Turiko turanyuragira mu gihugu cose twigisha abantu bose kubaho neza mw’isi ya none , ukwizera n’ukwihana ivyaha, ukubatizwa neza n’ukwezwa kugira ngo dushike mu masezerano y’Uhoraho Imana.
Turafasha abagowe tugasengera abana bato n’abarwaye, tugasiga tubatije abizera bose n’a babatijwe nabi.
Ntihagire umuntu n’umwe asigara inyuma ngo ntarokoke ivyara vya satani. Mwirinde inyigisho z’ibinyoma zibabohera mu migenzo, ivyaha n’ingoyi z’amadini.
Murondere abarongozi b’Ishengero rya Yesu Kristo -Ihanga ry’Imana aho muri hose babatunganirize.
Turongere kuri http://www.abisezerano.com kuri: ihangaryimana@gmail.com canke kuri za telefones.
Umwami Yesu yamamare hose!