
Hariho ibintu vyinshi ubona mw’isi y’ impwemu ugatahura yuko abizera binjiranywe na satani ntibabimenye. Ijambo ry’Uhoraho Imana rivuze ryihanikiriza abantu kudakora ikintu kuko ari kibi, baca bagikorera ico kandi bakagishimangira.
Mur’iyi minsi uzokwumva mu mashengero yitwa ay’abakizwa bavuga ngo « DADDY » Semama yote! Igisha ! Vugishwa! Preach! Prophetise ! Abantu bose bakabigira agahararo ( umudeli) mu mashengero iwabo ukamengo ntibazi yuko bariko barakorera ivyaha mw’ishengero.
Vyatanguye kera aho katolika yinjiza bikiramariya mu bumana muri kiliziya. Ni naho ivyo kwita abantu b’inyama n’amaraso ba so vyatanguriye. Ngo Papa, Padiri, Father, Père, Data, Daddy,… ivyo vyose abizera bakwiriye kumenya iyo izo mpwemu zituruka.
Mu cete intumwa Pawulo yandikiye Timoteyo yamwise umuhungu wiwe, ubgambere kubera yari akiri muto mu myaka y’amavuka, ubugira kabiri yari akiri muto mugakiza kuko yariko aramumenyereza. [1Timoteyo 1:2] Pawulo yarise abana biwe na Onesimu [Filemoni 1:10] na Tito [Tito 1:4], ariko amasinzi n’amasinzi yose yabariye (yavyaje) ubutumwa bose ntabita abana biwe. Ijambo umwana yarikoresha kubo akunda kandi bakoranye imirimo y’Imana nk’uko n’uyu munsi umuntu akuze ashobora kwira urwaruka ariko arigisha, abo ariko aramenyereza abana biwe kubgo urukundo abafitiye. Ivyo ntaco bisa bisana no kwita umuntu w’ inyama n’amaraso so wo mu mpwemu. Ntugakore ico caha.