

Ibgirizwa ry’Imana n’ijambo ryose ryahumetswe n’Imana ryoba ari iryanditswe muri Bibiliya canke iryahishuwe na Mpwemu Yera. Imana itategetse gukora ikintu ntimugukore muba mucumuye.
Nk’uko mubizi kandi mwabiteguye, mwame mugendera ku rutonde rw’Uhoraho Imana mutaretse ngo ibasige muyihendere inyuma canke ngo muyisige muyigendere imbere. Mwame mwiyubara kugira ngo mugendane n’Imana.
- Imana ivuze ngo umuntu wese yihane ivyaha vyiwe , abatizwe yezwe, mubikore uko nyene mutitayeho inyigisho z’amadini n’imigwi yiyita yuko Ifise ayandi mahishurirwa kuko benshi bakorera mu migenzo n’ivyiyumviro vyabo.
- Imana ivuze ngo mukore isangira ryera kandi mwubahe isabato yabashiriweho kuba ikimenyetso c’intahava c’isezerano yahaye ihanga ry’Abarundi, ntimutege amatwi ivyo abandi bita ukwemera kwabo canke ngo mugire ivyitwazo yuko mutokora iki canke kiriya Imana yategetse. Kurikiza urutonde rw’ijuru.
- Imana ivuze iti ngiye kubashitsako amasezerano mur’iki gihe rero mwitware uku na kuriya kugira ngo uzomererwe neza, nturabe ivyo ubgenge bgawe bukubarira mugabo nyabuna uhagarare kuco ijambo ry’Imana rikubarira.
Mwigishe abantu bose kwubaha Imana no kubera akarorero abandi bose. Muze mugire isangira ryera mwese ku munsi w’Isabato. Umwami Yesu Kristo abahezagire!