Wabatijwe umubatizo nyabaki?

WOBA WARABATIJWE UMUBATIZO W’UKURI? CANKE WARASUTSWE!

Mu bantu bari mw’isi bizera Imana n’ijambo ryayo ryanditse muri Bibiliya Yera, bamwe bizera ivyo bigishijwe kandi babariwe n’abantu, abandi bagashika kure kugira ngo bige barabe ico ijambo ubgaryo rivuga ndetse bakanasenga basobanuza Mpwemu w’Imana kugira ngo bamenye ukuri kwose. Umubatizo w’ukuri ni kimwe mu bibazo bibaza kubera yuko umubatizo n’ikintu gihambaye.
Kuvyerekeye umubatizo, hariho amashengero adaha agaciro nagato umubatizo, ntibabatize namba, n’abandi babatiza uko bo nyene bibaza yuko vyoba vyiza mukworohereza abantu no ku nyungu zabo. Uwo mugwi wa kabiri urimwo ababatiza inzoya n’abakuze mu kubasuka amazi ku ruhanga mu kibanzabategekanije aho mu rusengero. Hariho n’abandi babatiza mu mazi menshi mu kidengeri bikoreye n’abatwara abizera ku ruzi bakababatiza mw’Izina rya Data, n’iry’Umwana n’irya Mpwemu Yera.
Ukubatizwa vyatanguranye n’umuvugishwa Yohana Umubatiza, akabatiza umubatizo wo kwihana ivyaha no kubiharirwa mu kin jana ca mbere witwa uguhumanurwa. [Luka 3:1-3] Uwo Yohana nyene niwe yagize ati: “…Jewe ndababatirisha amazi mugabo uwuhambaye we azobabatirisha Mpwemu Yera n’umuriro.”[Luka 3:16-17]Aho yavuga Yesu Kristo.
Yesu Kristo nawe mukwigisha intumwa ziwe yazibariye ati:”Jewe nahawe ububasha bgose mw’ijuru no mw’isi. Genda mukwire isi yose, mwigishe amahanga muyahindure abigishwa, mubabatiza mw’Izina rya Data, irya Mwana n’irya Mpwemu Yera, mubigisha kwitondera ivyagezwe vyose, umve ndi kumwe namwe iminsi yose, gushika ku muhero w’isi.” [Matayo 28:18-20] Uwo mubatizo niwo amadini n’amashengero menshi ahagazeko mu kubatiza abizera babo.
Umwami Yesu yabariye abigishwa biwe ibintu bitanu bihambaye cane mur’iri tumwa gukora, umuntu wese agomba gukorera Imana yotegerezwa guhagararako agashikama. Navyo n’ibi:

  1. Nahawe ububasha bgose mw’isi no mw’ijuru. Uwufise ububasha bgose mw’ijuru no mw’isi ntawundi atar’Imana rurema. Nkako “yahawe izina rirengeye ayandi mazina yose kugira ngo mw’izina rya Yesu Kristo amavi yose apfukame, ay’ivyo mw’ijuru, ay’ivyo mw’’isi n’ayivyo ikuzimu, kandi indimi zose zize zature yuko Yesu Kristo ar’Uhoraho, ngo biheshe Imana Data wa Twese icubahiro” [Ab’I Filipi 2:9-11] ivyo vyanditswe n’intumwa Pawulo yajanywe mw’ijuru, yabonekewe na Yesu Kristo ubgiwe kandi yakoreshejwe ibitangaza vyishi.
  2. Gutwara ubutumwa imihingo n’amahanga yose batwaye ubutumwa buhindura abantu bose kuba abigishwa ba Yesu Kristo. Gutwara
    ubutumwa buhindura abantu abigishwa biwe ni ukuvuga yuko atawundi muntu wokwigisha canke ibindi bintu wovanga n’inyigisho atari izo Yesu Kristo yigishije. Kw’isi nta bundi butumwa bukenewe atari ukumenya yuko “Yesu Kristo ari nzira n’ukuri n’ubugingo. Ntawushobora gushika ku Mana atamujanye” [Yohana 14:6] Ivyo ni Yesu Kristo we nyene yavyivugiye yishura Thoma n’intumwa ziwe. Yarongeye ati: “Narapfuye nongera ndazuka nkaba mfise urupfunguzo rw’urupfu n’ikuzimu” [Ivyahishuriwe Yohana 1:18] Abizeramuzozemurababatizamw’IZINAryaData,IZINAry’Umwana,IZINA rya Mpwemu Yera. Aka gace k’uyu murongo niko bamwe bita ngo ni ubutatu abandi bakavuga yuko ari amazina atatu mugabo Yesu Kristo yavuze izina muri RUDENDE, izina rimwe gusa ry’umuntu yitwa Data, akitwa Mwana, akanitwa Mpwemu Yera. Ntiyigeze avuga amazina Yavuga izina rimwe kandi Data, Mwana na Mpwemu si amazina ni igikorwa c’Imana imwe rudende. Iryo zina nyene niryo Uhoraho Umuremyi, [Yohana 1:1] niryo Imana yihinduye Umuntu, [Yesaya 9:6] niryo Mpwemu Yera [Yohana 14:18]. Yesu Kristo we nyene yabariye abigishwa biwe ngo barindirire umwitsa I Yerusalemu, Mpwemu Yera imbere yuko baja kwigisha abantu ngo batangure kubabatiza kuko uwo ariwe azobamenyesha, azobatahuza ukuri kwose. [Yohana 16:13]
    Kwigisha abantu kwitondera ivyagezwe vyose. Ivyagezwe biri muri Bibiliya bamwe babiharura mu mabgirizwa, amategeko, imiziro n’imigenzo biri mw’isezerano rya kera bagasanga ni 612. Bashizeko ivyo umuntu w’umu- Kristo wese akwiriye gukora basanga vyababa 2000 bagaca bagira bati none umuntu yovyitondera vyose bigenze gute ntihagire akamusoba! Kwiga kwitondera ivyagezwe vyose vy’Imana si ukubiharura vyose uko bingana maze umuntu akagenda agerageza kwiyengenga, ahubgo ni (a) Ukwizera Umwami Yesu, (b)Ukwihana ivyaha, (c) Ukubatizwa, (d)Ukwezwa, (e) ukwuzuzwa Mpwemu Yera akurongorera mu kugorororka kwose. Umuntu acika umwana w’Imana yitondera ivyagezwe vyose iyo arongorwa na Mpwemu w’Imana [Abaroma 8:14-17] YesuKristoarikumwen’abigishwabiweiminsiyose,gushikakumuherow’isi. Iri jambo n’iryo kwizerwa kandi rikubiyemwo ibintu vyose vyerekana yuko Yesu Kristo ari kumwe n’abantu biwe nka Mpwemu w’Imana, ari mw’ijuru nk’Uhoraho Imana Data kandi yuko ari Imana yigize umuntu igacika Imana Mwana, ari kumwe n’abamwizera bose bagacika intumwa ziwe ibihe bidashira. Nkako niwe Alpha na Omega itanguriro n’iherezo rya vyose. [Ivyahishuriwe Yohana 22:12-21]
    Amadini n’amashengero menshi ahagarara gusa kur’iyo ngingo ya gatatu yo kubatiza mw’izina rya Data n’iry’Umwana n’irya Mpwemu Yera, ntibagombe no gutahura neza igituma Yesu amaze kubarira abigishwa biwe uko, yababujije kuja
    kugira ico bakora kugira ngo barindire Mpwemu wo kubigisha ukuri kwose. Uyo amaze gushika barugugutse amaso y’umutima n’aya Mpwemu. Baratahuye ukuri kwose batari gutahura Mpwemu w’Imana atarabinjiramwo. Aho niho baciye batangura gutahura:
  • Yuko umuntu adashobora gukizwa n’uko y’itondeye ivyagezwe icumi gusa vy’Imana canke n’ibindi vyose mugabo yuko akizwa n’ukwizera Yesu Kristo agahinduka.
  • Yuko ivyagezwe amajana vya mose vyarivyo imigenzo y’abayuda kugira ngo babeho neza mu turere bari baherereyemwo.
  • Yuko ubutumwa bgose bganditswe mw’ijambo ry’Imana mw’isezerano rya kera n’isezerano rishasha ko buhagaze kuri Yesu Kristo yamaho.
  • Yuko umubatizo w’ukuri ari mw’izina rya Yesu Kristo.
    Mu kubaho kw’ishengero ry’Imana nk’uko tunabisanga muri Bibiliya Yera, nta muntu n’umwe yabatijwe mw’izina rya Data n’iry’umwana nirya Mpwemu Yera. Umubatizo wo kw’izina rya Data n’iry’Umwana n’irya Mutima Mweranda ryatanguye mu kinjana ca gatatu, imigenzo y’igipagani imaze gusukiranywa n’imigenzo ya gi-Kristo. Mu myaka y’itotezwa satani yahagurukije abahama ababatijwe mw’izina rya Yesu Kristo. Muca mutahura igituma umubatizo mw’izina rya Yesu Kristo urwanywa n’uyu munsi.
    Abanyoshwe n’impwemu y’amadini bita ubuzimire kubatizwa mw’izina rya Yesu
    Hari umuvugabutumwa wo mu karere k’ibiyaga binini yitwa Intumwa (Apotre), Umuvugishwa (Prophete), Uwaminuje (Docteur); kubera guh umwa amaso n’ivyigwa vy’amadini yavuze ngo umubatizo mw’izina rya Yesu Kristo n’uwabayahudi. Yibagiye yuko n’idini ry’Abayahudi ritemera Yesu Kristo, ryo nyene ngo rikirindiriye uwundi MESIYA. Aka ni akarorero kerekana ingene satani n’amadini bankishije kandi n’ubu bacankisha abantu umubatizo mw’izina rya Yesu Kristo.
    Uretse ukuri kw’abahinga n’abanyabgenge b’ivyanditse bashize ahabona yuko muri Bibiliya yose atawigeze abatizwa mu mazina atatu, burya nta muntu n’umwe arekuriwe guhindura umubatizo washinzwe n’intumwa za Yesu Kristo zuzuye Mpwemu w’Uhoraho. Umuntu wese arakwiriye gusoma kandi akuzanga amajambo yanditswe mu [Vyakozwe n’intumwa 15:17 na Yakobo 2:7].
    Muvyo Yesu Kristo yavuze n’ivyo intumwa ziwe zakoze ntagihushane kirimwo kuko Yesu yavuze amazina (Titre canke Title) y’ibikorwa n’ivyubahiro y’izina rimwe ry’Imana imwe rudende [Matayo 28:18] nk’uko na Yohana Umubatiza yabatiza mu ruzi mw’izina ry’Uhoraho [Matayo 3: 13-17]. Intumwa za Yesu Kristo nazo zuzuye Mpwemu w’Imana zaciye zitahura yuko Data, Umwana na Mpwemu
    vyuzurira mw’izina ry’ubushobozi rya Yesu Kristo [ Ivyakozwe n’Intumwa 4:12, Abikolosayi 2:9, Abigalatiya 1:8-9, Yuda 3-4] Woba ucishimira umubatizo wahinduwe na Kiliziya katolika hanyuma ukabandanywa n’ayandi madini n’amashengero canke wokwishimira umubatizo w’ishengero ryashinzwe na Kristo Yesu!
  • Abayuda babatijwe mw’izina rya Yesu Kristo, [Ivyakozwe n’intumwa 2:38]
  • Abanyesamariya babatijwe mw’izina ry’Umwami Yesu, [Ivyakozwe
    n’Intumwa 8:16]
  • Abanyamahanga bose babariwe kubatizwa mw’izina ry’Umwami Yesu
    [Ivyakozwe n’intumwa 10:48]
  • Intumwa Petero yuzuye ubushobozi bg’Imana yigishije abantu bose yuko ata rindi zina abantu bakirizwamwo atari izina rya Yesu Kristo [Ivyakozwe n’Intumwa 4:10-12]
  • Intumwa Pawulo yeretswe mw’ijuru akongera akivuganira na Yesu Kristo mu nzira ija i Damasiko yigishije abantu yuko ivyo bakora vyose babikora mw’izina ry’Umwami Yesu [Abikolosayi 3:17] Mbere yaranasubiyemwo kubatiza abatari babatijwe mw’izina ry’Umwami Yesu. [Ivyakozwe n’Intumwa 19:3-5]
  • Yesu Kristo ubgiwe yigishije yuko ukwihana no guharirwa ivyaha bikwiriye kuvugwa mw’izina ryiwe mu mahanga yose. [Luka 24:47]
  • Intumwa za Yesu Kristo zose zatahuye ivyo abarongozi b’amadini n’amashengero badashaka kwemera na bugingo n’uyu munsi yuko Umwami Yesu Kristo ari izina rikubiyemwo vyose na hose uwo imiryango yo mw’ijuru no mw’isi yitirirwa [Abanyefeso 3:15] kandi yuko muri Kristo Yesu ariho hari ukunengesera kw’ubumana mu buryo bg’umubiri [Abikolosayi 2:9]. Intumwa zaratahuye yuko izina ry’Umwana ari Yesu [Matayo 1:21], yuko n’umwana yaje mw’izina rya Se [Yohana 5:43] kandi bari bazi yuko Mpwemu Yera azoza mw’izina rya Yesu Kristo [Yohana 14:26]. Abantu badashaka gutahura ivyo nibo bigisha inyigisho z’ibinyoma z’ubutatu.
    Incabgenge, abashakashatsi, abasesanguzi n’abahinga ba kahise barize ivyerekeye ibgirizwa Yesu Kristo yahaye intumwa ziwe muri [Matayo 28:19] n’ingene intumwa ziwe zarishize mu ngiro [ Ivyakozwe n’Intumwa 2:38, 8:16, 10:45- 48, 19;5, 22:16, Abigalatiya 3:25-29, Abanyefeso 4: -7]
    Nk’uko tubivuze, ubutatu butagatifu ni ijambo amadini menshi yitirirwa Yesu Kristo akoresha cane kandi akarishira mu vyizerwa vyayo ngo: “Turizera ubutatu bgeranda”. Ijambo ubutatu ryatanguwe gukoreshwa mu nyandiko n’uwitwa TEWOFILUS wi Antiyoshe mu kinjana ca kabiri Yesu Kristo amaze kuduga mw’ijuru. Uwo yasigura yuko UBUTATU bugizwe n’ijambo ry’Imana (LOGOS), n’ubgenge bgayo (SOPHIAS)mu gusigura ivyerekeye iminsi itatu ya mbere y’iremwa ry’isi.

Mu kinjana ca gatatu, umupatiri yitwa TERUTOLIYANO yaciye avuga ngo ubutatu bugizwe na Data, Mwana na Mutima Mweranda. Uwo nyene ni nawe yazanye ivyizegwa vy’igipagani vyo gusabira abapfuye n’urumenyetso rw’umusaraba rwo kwikora mu gahanga, ku mutima no kubitugu ngo urasenze. Yanatanguje n’umubatizo wo kudimba abantu gatatu mu mazi hataraza uwo gubasuka amazi ku ruhanga. Uko niko bahinduye umubatizo mw’izina rya Yesu Kristo wakoreshwa mw’ishengero Umwami Yesu yashizeho bawusubiriza umubatizo w’ubutatu warusanzwe ukoresha n’amadini y’abapagani.
Inyigisho z’ubutatu zishinze imizi mu migenzo y’igipagani yo kuva ku gihe bubaka umunara wi BABELI, i SHANARI hafi y’uruzi EUPHRATE inyuma y’umwuzure wabaye kuri NOWA. Ico gihe Imana yayoberanije indimi zabo batangura kuvuga indimi nyinshi [Itanguriro 11 :1-4] KUSHI yari umwana wa HAMU, umwuzukuru wa NOWA umusavyi w’Imana [Kuvayo 10 :1-6] yafashije umuhungu wiwe gutegura umugambi wo kuganza isi yose bakoresheje ubugambanyi bgo gukora idini ry’umwana wiwe yitwa NIMURODI. Niwe yatanguje iryo dini ry’umugararizo ryo gusenga izuba aca atanguza n’igisagara ca BABULONI. [Itanguriro 10 :8-10 na 11 :4] Bise umunara wi Babubuloni ijambo risigura “urugi rw’ijuru” ariko Imana yoyo yawise BABELI risigura « kuzazanigwa. » [Itanguriro 9 :1] Imana yayoberanije indimi zabo baca barasanzara mu bice bitandukanye vy’isi [Itanguriro 11 :8-9]
Kubera Nimurodi yarazi yuko abantu batinya Imana ya Nowa, yari yashinze idini ryo gusenga satani mu mpisho bakavuga yuko basenga ibintu bitatu: “umuriro, izuba n’inzoka.” Yaciye arongora nyina amuvyara yitwa SEMIRAMISI aca yitwa Umwami wi Babuloni, nyina nawe yitwa umwamikazi wi Babuloni nyene. Ico gihe baratanga ibimazi vy’amaraso y’abana nkuko abasenga satani babikora n’uyu munsi kuko batanga ibimazi vy’amaraso y’abantu. Shemu umuhungu wa Nowa akaba na se wa Nimurodi, yaramufashe amwica amucagaguyemwo uduhimba kugira ngo abere akarorero abantu bose bakora ibizira bagasenga satani. Kubera yacitse ubunywenywe hariho abivugira ngo NIMURODI yariyahuye.
Wa mwamikazi Semiramisi yari nyina wa Nimurodi akongera akaba umugore wiwe, yaciye asambana aribungenga, avyara umwana w’umuhungu maze amwita TAMUZI. Aca abesha abantu ngo Nimurodi apfuye yaciye aja kuzuba maze izuba rica rirasira umuco uwo mugore vyatumye yibungenga ati mu bisanzwe ni Nimurodi agarutse avuye ku mana-zuba. N’uko rero bakoresheje ijambo ubutatu muri Babuloni abantu bagasenga Nimurodi, Tamuzi (Umwana na Semiramisi (Nyina). N’uko rero Semiramisi yavugako Nimurodi ari Imana Zuba, Tamuzi akaba ari umuhungu wa mana-zuba nawe akaba umugore na nyina wa mana-zuba kandi yuko bose bategerezwa gusengwa nk’imana-zuba imwe: UBUTATU. Muca mubona ingene BIKIRAMARIYA yinjijwe mu kwemera kw’abatu.

N’uyu munsi niko ibintu bimeze, satani akoresha ikinyoma, ibinyegezwa, amayeri n’urujijo maze abantu bakamusenga batabizi, bibgira ngo bariko barasenga Imana y’ukuri. Ahantu hose muri Babuloni hari ibishusho vy’uyo mugore Semiramis batazira kandi “umwamikazi w’ijuru” [Yeremiya 7: 16-20] ateruye umwana wiwe Nimurodi, nkuko mubona ibishusho vy’umugore ateruye umwana uyu munsi bavuga ngo ni Mariya ateruye kana YEZU. Ikimenyetso ciwe kwari ukwezi, ica Nimurodi naco cari izuba akongera akitwa BAYALI. Aho niho havuye ubutatu. [Abikolosayi 2 :9]
Kiliziya Katolika mu manama yayo ya NISEYA mu mwaka wa 325, ya CONSTANTINOPLE mu mwaka wa 381, TOLEDO mu mwaka wa 675, LATERANE mu mwaka wa 1215 na Council yi FLORENCE mu mwaka wa 1431-1449 yashizwe isutse ico cizerwa c’ubutatu bgeranda y’ubupaganimu vyizerwa vy’aba-Kristo. Amashengero nayo yitirirwa Yesu Kristo yagiye ariyonkora kuri Katolika agumana ico cizerwa c’igipagani mu vyizerwa vyayo. Ubusanga muri:
-Britannica Encyclopedia, 11th Edition, Volume 3, page 365 – Handitse yuko umubatizo mw’Izina rya Yesu Kristo wahinduwe ugirwa mw’izina rya Data n’irya mwa n’irya mutima mweranda mu kinjana ca kabiri.
-Canney Encyclopedia of Religion, page 53 – Handitse yuko ishengero rya mbere ryabatiza mw’Izina rya Yesu Kristo gushika mu kinjana ca kabiri.
-Hastings Encyclopedia of Religion, Volume 2 page 377– Handitse yuko ibatisimu yakorwa mugukoresha amajambo “Mw’Izina rya Yesu Kristo” gushika mu gihe ca Justin Martyr, ku rupapuro rwa (page) 389.
-Catholic Encyclopedia, Volume 2, page 263 – Ngaha abanditsi bose baremeza yuko kubatiza mw’izina rya Yesu Kristo vyahinduwe na Kiliziya Katolika.
-Schaff – Herzog Religious Encyclopedia, Volume 1, page 435 – Haranditse yuko Isezerano rishasha ryose ryemeza umubatizo mw’izina rya Yesu Kristo wonyene.
-Hastings Dictionary of Bible, page 88 – Yanditse yuko umuntu wese ategerezwa kumenya yuko rirya zina ririmwo atatu ryo muri [Matayo 28:19] ritigezwe rikoreshwa mw’ishengero ryatanguye kw’isi. Hakoreshwa gusa Izina rya Yesu Kristo canke izina ry’Umwami Yesu.

  • NEW INTERNATIONAL ENCYCLO. Vol. 22, Page 477 na Early Church History. Vol. 2, Page 378. – Yanditse iti ijambo ubutatu ryazanywe na Tertullian. Umupatiri w’umukatolika w’i Roma. No mugukoresha ubutatu mu kubatiza vyazanywe nabonyene.
    None wewe kugiti cawe ushaka kuguma mu mubatizo w’igipagani canke uragomba umubatizo mw’izina ry’Umwami Yesu? N’ahawe ho guhitamwo.

IHANGARYIMANA@GMAIL.COM TEL: +1 914 448 3650