
Amakuru dukesha abegereye iryo shamba uruhande rw’abarimyi ruridogera abajejwe iryo shamba risanzwe ari n’uruhongore kama rw’ibikoko kuko ibikoko bigwiriye mwo nk’imbogo vyona imirima ihegereye kubera iryo shamba ritazitiye
Ariko abacungera iryo shamba bo barabeshuza abavuga ko ukwo kwona imirima bigwiriye mw’ino minsi bakemeza ko bishika gake. Bo bamenyesha ko ubu bafise ikibazo c’uko uruhigi rwasubiye kwiyongera muri iryo shamba. Aha ibikoko bibangamiwe ngo ni imbogo zidasigaye inyuma. Ibi mu mpera z’umwaka ngo bikorwa kubera kwitegurira iminsi mikuru irangiza umwaka, bagatanga akarorero ko nko mu ndwi iheze hishwe imbogo zibiri zabonywe ibisigarira kandi hari n’izindi zitaramenyekana iyo zagiye mu gihe umwaka wari uheze atazizimiye nk’uko abo bacunga ishamba babandanya baimenyesha
Umwe mu bacungera iryo shamba yamenyesheje ko ubwo bugizi bwa nabi butungisha ababukora kuko imbogo 1 ishobora gutanga ibiro 1000 vy’inyama.
N’aho umuntu wese kwibaza yuko urwo ruhongore ari itunga rusangi.