
Makamba : Bamwe mu banyagihugu begereye igihugu ca Tanzania bavuga ko bahanzwe cane n’ikibazo co kuvunjisha amahera, ku bashaka amarundi canke amashiringi. Basigura ko vyavuye ku ngingo ya reta ihagarika abavunja amahera mvamakungu mu buryo butemewe n’amategeko. Banegura ko ata bundi buryo bwo kuyaronka bashiriweho.
Abaja gupagasa bemeza ko bahitamwo kuza baguze ibintu, batinya kwinjirana amashiringi ku butaka bw’Uburundi no kwagirizwa ko bakora akazi ko kuvunja amafaranga. Bamenyesha ko hari n’abikika mu kiza bakavunja uko bashaka ku ruhande rwa Tanzania. Basaba reta gutorera umuti ico kibazo.
Buramatari w’intara ya Makamba aremeza ko Abarundi n’Abatanzaniya bagenderanira. Tantine Ncutinamagara avuga ariko ko ico kibazo kizotorerwa inyishu n’inzego zo hejuru zafashe ingingo.