Leta yibga kuko isamara canke babigira babizi: Umuntu umwe usanga afise amashirahamwe atsindira amasoko yose.

Ingwano yo kugwanya ubukene ntawoyitsinda atabanje kugwanya abatera ubukene twihoze ibiriko biraba ubu dufate akarorero ku ntwaro ya Président Nkurunziza n’umugambi yazanye wo gutera amavoka.

  1. abantu batanze isoko yogutera ibiti vy’amavoka muci, bingana ni 9.881.317 bazi neza ko bizoca vyuma.
  2. Abo bantu batumye Igihugu gihomba amahera angana na 3.677.311.500Fbu
  3. Igiti kimwe c’amavoka gitanga 150kg vy’amavoka kumwaka.
  4. Ivyo biti vyotanze kumwaka ibiro 1 482 197 550kg nukuvuga itoni zababa umuriyoni ninusu kumwaka.
  5. Ivoka zibanguriye zama haheze imyaka itatu, nukuvuga kuva 2014 u Burundi Buba bushora hanze amatoni yababa umuriyoni ninusu w’amavoka.
  6. Toni imwe iburayi igugwa hafi amadorari ibihumbi bitatu. Bisigurako amavoka abayinjiriza igihugu ama miriyaridi menshi, igihugu ntangorane z’ama devises kiba gifise.

Umuhinga w’indimo yaryogoye ati nyabuna ivyo mukora ntivyumvikana kuko ntaho bizoshikana uwo mugambi, baramutumyeko mw’iperereza baramupfunga maze bamukura mu kazi gutyo baba baramuzibije atagitabara. None inzego zikorera bande? Igihugu zo gushika a hehe? Abarundi dukiriye kwikubita agashi. Abica igihugu ni aagiywara.