Umuvugabutumwa Kris Ndikumana yarabiciye biracika i Duwala mu gihugu ca Kameruni.

Yatanguye yigishiriza ubutumwa bgiwe ku mbuga ngurukana bumenyi, kubera gusengera abantu bagakira ingwara ashika aho abantu bamutumira mu mashengero iwabo, ubu ageze aho akora ibikorane bikitabga n’amasinzi y’abantu. Imana ikomeze kumuha imbere.

Abitabiriye ico gikorane bavuze yuko batanguye kwumva inyigisho ziwe kuri telefone, hanyuma bakazicisha ku maradiyo. Bongeyeko bati arasengera abantu bakaronka ibitangaza abandi bakihana ni naco gituma bitabiriye igikorane yateguye. No mugihugu c’Uburundi yari yateguye igikorane mubari bacitavye harimwo abari bavuye mur’ico gihugu.

Imana ikomeze guhabga icubahiro.