Umwungere Denise Bucumi Nkurunziza yarabaye umuvugabutumwa rurangiranwa

Denise Bucumi Nkurunziza, yahoze ari umutambukanyi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi akaba n’umwungere wo mw’ishengero ry’urutare (Église du Rocher); ubu asigaye ari bitumwako mu makungu.

Inyuma yo gutumwako kwigisha ijambo ry’Imana mumashengero yo mu ntara zitandukanye mu gihugu cacu c’Uburundi, yaratumiwe kuvuga ubutumwa mu bihugu vyo hanze. Mu ntara za Amerika, mu bihugu vya Koreya y’ubumanuko na Ostraliya kandi ariteguye no gushika n’ahandi kure.

Imana iyo iriko irategurira ibihambaye ihanga ryayo, harabaho ibimenyetso biboneka bitangura kwibonekeza. Ivyo vyose nivyo gushimira Uhoraho Imana.