
UMURUNDI WESE ARATUMIWE MU RUGENDO RWO GUSENYURA INZITIRO Z’I YERIKO KU GIHUGU C’UBURUNDI
Mwese muratumiriwe mu masengesho adasanzwe yo gusenyura inzitiro za Yeriko mu buzima bg’Ihanga ry’Abarundi. Ayo masengesho azotangura kw’igenekerezo rya 24 gushika kurya 30 zuku kwezi. Isenyurwa ry’inzitiro za Yeriko ryabaye ikimenyetso c’isitswa ry’isezerano kw’ihanga rya Isirayeli. [Yosuwa 6:1-27]
Natwe ihanga ry’Abarundi nk’abahawe isezerano n’Uhoraho Imana ry’Uburundi butemba amata n’ubuki, igihugu kizotwara umuvyuro n’ikanguro, reka twumvire Uhoraho kugira ngo Uhoraho asenyure ivyigize imisozi n’ivyugaje ibihindizo vy’amabuye, vyazibiye imigisha yacu, Abarundi dutabarwe.
Mwese murahawe kaze mur’ico gikorwa c’iteka ku gihugu cacu. Umwami wacu Yesu Kristo yamamare!