Abarundi boreka gufungura ibiterwa bidatanga imbuto kugira babeho neza mu gihugu cabo

Dufatiye akarorero ku bigori, harabaho ibigori bisanzwe bifungugwa n’abantu, harabaho ibigori vyagenewe kugaburira ibitungwa n’ibigori bahinguramwo igitoro( biocarburant). Urabishije amaso, ivyo bigori vyose birasa.

Turabire hamwe ibi:

  1. Murikino gihe, ubgenge bgaragwiriye, hariho abantu bashoboye guhindura imbuto zubgoko bgose bagakora izitandukanye n’imbuto kama.
  2. Izombuto zirahurumbogwa cane: zera ningoga, zimbuka cane, zirinda ingwara, zitwara amazi make.
  3. Kugira izo mbuto zigire ubgo bushobozi bgose zishigwamwo utundi turemangingo, dushobora kuba twavuye mubindi bitegwa, canke mubikoko.
  4. Mugushira utwo turemangingo mumbuto, bakoresha amavirusi canke ama bagiteri, harigihe ubuhinga bugorana ayo mavirusi agatera ingwara iyo mbuto.
  5. Bene gukora izo mbuto, barazikingira, kuburyo abazozikenera bose, bazoja kuzibagurira, barazishiramwo programme kuburyo urutere tutamera akarenze rimwe.

Imbuto ni ikigwanisho

Abahinga baribanura imbuto, bavyiga igihe kirekire, kandi bibatwara uburyo bg’inshi, ibigo bibakoresha bibahemba amahera menshi, iyo utabahemvye ayakwiye baguhendako bariko barakora.

Ibihugu vyatunganije neza igisata c’uburimyi, usanga ahakoregwa ubushakashatsi kumbuto, ari mubigo vyagisirikare, mubigo vyigendereza, n’amazina y’abashakashatsi babo ntamenyekana.

Iyo rero habonetse imbuto nshasha, bashiraho n’ubuhinga bgo kuyicungera:

  1. Imbere ya 1980, ibintantete n’ibinyamuhanyu vyatangwa nkimfashanyo kubakene, babaha ivyanikiwe hakoreshejwe ubuhinga nutuma ubiteye bitazomera, aho kugira abakene ntibiheko imbuto.
  2. Muntango za 1990, barahinduye umukenyuro: ibiharage, ibigori, ubgishaza, lentille ( ubunyamerika) batanga ibisataguye utokurako imbuto.
  3. Kuva muri 2000, ubuhoho vyarakomeye, bakora imbuto uziguze ukarima, urasarura ariko ivyo usaruye ntambuto bivamwo. Uzokwama uja kugura iwabo imbuto.

Bageze kurugero ruhanitse, kuko ubu barakora imbuto zihonya izindi.

Itanguriro 1:29 Guca kubiri n’ico Uhoraho Imana yashinze ni ugukwega umuvumo mu gihugu.