
URUGENDO RWO GUSENYURA INZITIRO Z’I YERIKO MU BURUNDI
Isenyurwa ry’inzitiro za Yeriko ryabaye ikimenyetso c’ishitswa ry’isezerano kw’ihanga rya Isirayeli. No mu gihe ca none kugira ngo Uhoraho Imana igushitseko ivyo yakuvuzeko, ibanza gusenyura ibimeze nk’imisozi biri imbere yawe nkuko inzitiro zi Yeriko zari zihagaze imbere y’ubgoko bg’Imana.
Mu gihugu cacu c’Uburundi, hariho abantu benshi bazi neza yuko igihugu gifise isezerano cahawe n’Imana. Mugabo hariho n’abandi kubera inyungu zabo bwite bagerageza kurihakana no kuryankisha Abarundi ngo ni ibintu bitabaho. Isezerano iyo ryahawe Ihanga, kutarimenya canke kurihakana ntaco bihindura k’Uhoraho Imana kuko hari abo irihishurira bakaryemera maze ikajana n’abo bemeye. Hariho ibishika mu gihugu, abantu bakirigwa baridoga ngo ibi na biriya birabuze mbere ababarongoye bakagerageza inzira zose bagasanga ntizishika kubera baba batwaye ibintu vyose mu bgenge bgabo gusa basize Imana inyuma canke bayitanze imbere.
Abantu ntibatahura igituma ubutunzi butifashe neza, imico y’abantu igatera itituka maze ivyo bigakurikirwa n’ubukene, inzara, ibura ry’iki na kiriya. Ivyo bitera abantu gufungura nabinabi, ukwivuza nabinabi, ukwiyunguruza nabinabi bakanata icizere ca kazoza kuko baba bafise amagara adafashe. Umuntu iyo atabona iyo aja aca afatwa n’umwiheburo. Umwiheburo nawo utuma abantu batari bake baja kurondera amasumiro bakomokera mu mahanga. Abokoreye igihugu bagasanzara bakangara, abatari bake bagasumirwa n’impwemu ya nyamwihebuza yohava inabatuma kwiyahura.
Urazi ingene bibabaje kubaho utazi ingene uzogaburira umuryango, ingene abana bazoja kwiga, ingene uzovuza uwurwaye canke ukama wibaza igituma udafise aho kuba heza nk’abandi! Urazi kubaho uriwe n’uwogutunganirije, uwokurenganuye akaba ariwe akurenganya, uwofashe ingingo ngo ubeho neza akaba ariwe agufatira ingingo zo kugukandamiza!
Turagomba kunesha ivyo bigeragezo mu guhamagara Uhoraho Imana ngo ize itabare Abarundi twese. Nti dushobora kwihanganira kuguma mur’ivyo bibi iyi myaka yose ataco dukoze kandi mw’Ijuru dufise Imana ishobora vyose, natwe mu gihugu turi Ihanga ryubaha Uhoraho Imana. Turagomba yuko igihugu c’Uburundi kiba intara ikukira ubgami bg’Imana mw’ijuru.
Inkuru y’ingene Yosuwa yarongoye Ihanga rya Isirayeli kuja gusenyura ibisika vy’i Yeriko iratwigisha cane ingene dushobora kuva mu bigeragezo vy’igihugu kubera Uhoraho ari Imana y’ukwizigirwa kandi ari Umwami ahambaye. Ivyashikiye Abisirayeli vyari ishitswa ry’Isezerano rihambaye Imana
yarabasezeraniye kugira ngo binjire mu gihugu c’Isezerano nkuko natwe yadusezeraniye Uburundi butemba amata n’ubuki.
Mose atarapfa, yari yarabasezeraniye yuko Yosuwa ariwe azomusubirira mu kurongora Abisirayeli kugira ngo abashikane mu gihugu c’isezerano. Bahejeje kujabuka uruzi Yorodani, Yeriko carico gisagara ca mbere bategerezwa kubanza gufata. [Yosuwa 6:1-27]
Mur’iyo nkuru dukuramwo ubumenyi nyamukuru buturongora kumenya ingene twokwizera kandi tukongera tugashika ku gukira ivyago vy’ubukene n’akarenganyo vyugarije Ihanga ryacu mur’ikino gihe. Hariho n’ibindi vyinshi Imana ishobora kudutabara kuko burya imyenge y’inzu imenywa na nyeneyo.
Inzitiro canke ibisika vy’i Yeriko ni ibihe?
Nkuko tubisanga mu gitabo ca Yosuwa, Yeriko carico gisagara c’abanya Kanani, abisirayeli bashikirako bahejeje kujabuka Yorodani rubanje gukama bakajabuka hanyuma rugaca rusubira guterana. Ico gisagara cari kizengurutswe n’ibihome vy’amabuye binini kandi birebire bikingira ico gisagara ku buryo ata muntu n’umwe yashobora ku vyurira ngo ashike hejuru ngo ashobore kwinjira canke ngo asohoke ico gisagara. Inzugi zinjira mur’ico gisagara zari zugaje ibihindizo kugira ngo ntihagire umunyesirayeli canke uwundi mwansi abinjirana. Kw’ihanga rya Isirayeli, iki cari igihe gihambaye co kubona yuko koko Isezerano Imana yabahaye ribaye ukuri naho bari barabonye ibindi bitangaza nko ku kiyaga gitukura, nka manu mu bugaragwa, nk’inzoka y’umuringa, nk’igicu cabamurikira mw’ijoro kikabakingira izuba ku murango na yorodani ikama imbere yabo. Ivyo bari barabibonye mugabo bari bakeneye kubona igitangaza co kwinjira mu gihugu c’Isezerano nyezina kugira ngo bive mu buvugishwa bibe ukuri kwo mu buzima bgabo bga minsi yose. Ubgo ntavyo ubona nk’ibisika binini bikomeye n’inzugi zugaje ibihindizo vyivyuma mu gihugu, mw’ishengero no mu buzima bgawe? Imana iragiye kubisenyurira hasi bicike umukungugu gusa mu kanya gato. Na twebge hari ibihambaye Imana yadukoreye mugabo turagomba kubona ishitswa ry’amasezerano nyezina.
Ibisika vyi Yeriko vyarundukiye hasi gute?
Imana yari yabariye Yosuwa ingene ari bu bigenze, ico bakwiriye gukora kugira ngo ivyo bihome bihomvoke bitume abisirayeli banesha Yeriko kugira ngo ibe iyabo. “Ku munsi ugira indwi, bazunguruka igisagara incuro ndwi, abaherezi bariko baravuza inzamba. Wumvise barandiriye mukuvuza inzamba, barira abantu bose bihe akamo; aho rero izo nzitiro zizoca zisenyuka umwe wese ace yinjirira aho atumbereye.” [Yosuwa 6:4-5]. Uko nyene niko vyagenze.minsi itandatu, bazungurutse Yeriko rimwe rimwe ku munsi, abaherezi bareruye
isandugu y’Isezerano kandi bafise n’inzamba ariko mu gacerere ntangere. Ku munsi ugira indwi baca babigenza nk’uko babariwe, za nzitiro za Yeriko zica zirasenyuka nabo baca barinjira biba birabaye.
Kubga Yosuwa, abaherezi n’ihanga ryose bari kumwe, biyumvira yuko ivyo bintu Imana yababariye ataho bihuriye n’ubuhinga bgo kurwana intambara yo gusenyura ibihome vya Yeriko, ariko Yosuwa yatumye abisirayeli gukora ico Uhoraho Imana yamutumye ataco barengejeko. Kubera isezerano Imana yahaye ihanga yitoranirije no gukora ico yategetse, inzitiro zi Yeriko zarasenyutse ku munsi ugira indwi baca barahanesha ku buryo bg’igitangaza.
Ihanga ry’Abarundi rirazi yuko rifise Isezerano ry’Imana ku gihugu no kw’ishengero. Ingorane rifise ni ukudashaka kumenya uwufise ivyo yavuganye n’Imana ngo rimwumvire mu kubikurikiza maze inzitiro zisenyuke. Bamwe bose bashaka kwigirira utuntu twabo. Imana ivuze iti ni mwizere, mwihane, mubatizwe, mwezwe maze mwuzuzwe Mpwemu Yera, bamwe baca bagira bati mw’idini iwacu ivyo ntibabiha agaciro. Abandi bakibaza yuko intambara itogenda uko Uhoraho Imana abivuga bakagomba kuyirwana uko bavyumva, ivyo navyo bigatuma ihanga ry’Abarundi riguma muri sokwe ni ruze navyo bikatera kuguma rizunguruka mu bugaragwa bg’inzara, ubukene, akarenganyo, uguhunga igihugu n’ibindi. Burya biracagora umurundi gukurikiza neza ico yabariwe. Naho aba yakibariwe n’Imana aca ashaka kugikora uko acumva canke gukuramwo inyungu ziwe bgite. Turacakeneye kwigishanya kwubaha itegeko, kwubahiriza ibgirizwa no gukurikiza ikintu uko gitegerezwa kumera.
Hariho ibintu indwi vyotwigisha kw’isenyuka rw’ibisika vyi Yeriko.
- Kwumvira Imana no urugendo rusa n’urudashoboka naho rutoba uko twari turwiteze.
Inzitiro zi Yeriko zari zizwi yuko zitavogerwa, ko atawokwiyamvya ngo aragerageza kuzurira. Ivyo ni navyo Yosuwa n’abisirayeli bagira bati ni akadashoboka.Bibaza yuko ntaho vyoca. Mugabo bamaze kwumvira bagakurikira inzira Imana yababariye mu kugira ukwizera n’ivyizigiro mu Mana no mw’isezerano yabahaye vyarashobotse. Aba-Kristo bose bategerezwa kumenya yuko vyoroha canke vyaguma, iyo bariko barasenga Imana mu kuri no mu kugororoka, ibagirira neza kandi ko ibidashobokera abantu bishobokera Imana. [Luka 18:27] Ivyabaye i Yeriko biratwigisha yuko dukwiriye kwizera ico Imana yavuze kandi ko ari naho ikidashoboka gica gicika igishoboka. - Iyo dutega amatwi tukumviriza niho twumva ico Imana itubarira.
Ikintu umuntu wese aca abona ngaha n’uko Imana yo mw’ijuru yaganirije
Yosuwa kandi yuko nawe yayiteze amatwi. Kubera yuko Yosuwa yafashe
umwanya wo kurondera Imana kugira ngo imurongore, yaciye yumva kandi aratahura intambge ku yindi ivyo akwiriye gukora. N’uyu munsi turakwiriye guha agaciro icerekeye gufata umwanya wo kwumviriza ico Imana ituyagira. Ivyo biba mu gusoma ijambo ry’Imana kenshi, gufata imyanya yo kuba mu masengesho, gufata imyanya yo guhwekera imbere y’Imana, gufata imyanya yo gutazira no kwandika neza ku munsi ku munsi ivyo Imana itubarira biciye mu buvugishwa, mu nyereko, mu nzozi n’izindi nzira Imana icishamwo ubutumwa itugezako. Ivyo ni bimwe muvyo Imana yatumye ishengero kandi ritegerezwa kwubahiriza. Benshi babica iruhande bigatuma ihanga ry’Abarundi riguma rizangazanga. Ni igihe co kwikubita agashi kugira ngo twumvirize kandi twumvire Uhoraho Imana. - Imana yama ifise intumbero n’urutonde, ntishakisha.
Imana ntiyabariye Yosuwa n’ingabo ziwe ngo ni mujabuke mushike mutera murase imyampi yaka umuriro mu gisagara. Yababariye intambge ku yindi ivyo bakwiriye gukora batihenze kandi mu bgitonzi kugira ngo bashike kw’ihangiro ryo kunesha. Yababariye neza na neza ingene bakwiriye kubigenza kugira ngo abe ariyo ibasenyurira izo nzitiro zatera ubgoba n’ayandi mahanga yose.
Ivyo Imana yakoreye Yosuwa n’abo barikumwe iragomba kubidukorera natwe Abarundi uyu munsi. Ico idusaba gusa ni kimwe, ukuyumvira kugira ngo tubigenze uko itubarira kubikora. Ivyo tubona nk’imisozi mu buzima bg’Ihanga ryacu no mu buzima bg’umwumwe wese mu gihugu cacu, Uhoraho Imana aragomba kubisena kugira ngo mu gihugu cacu habe umwimbu n’umusesekara, ugutunga n’ugutunganirwa kuri bose, amahoro n’amahonda kugira ngo umwe wese agire kazoza keza n’aho azoshikana umuryango wiwe. Imana idufitiye imigambi myiza y’amahoro twebge abayikunda [Abaroma 8:28] Niyo izi inzira irashe twocamwo tugashika kuri birya twipfuriza igihugu cacu, ishengero ry’Imana n’imiryango y’Abarundi. - Inyishu zirashobora gutinda gato mugabo ni ukurindirira mu Mana
Ihanga rya Isirayeli ntaruhusha ryahawe ryo gutera igisagara naho ryari rivyiteguriye. Ryabariwe kurindira iminsi indwi. Bari bemerewe kuzunguruka ico gisagara no gushinga amahema yabo gusa, hanyuma bakarindira isaha y’Imana. Erega bamwe mu basirikare bari kumwe na Yosuwa bategerezwa kuba baribajije yuko ata bgenge burimwo kuzunguruka igisagara vyonyene, yuko ata ntsinzi ivyo vyonyene vyotanga. Abandi usanga bagize bati umusirikare aricara agacapa ingene urugamba rugenda akabihuza n’ubuhinga bg’intambara bungana n’uko umwansi ameze, ibirwanisho afise nuko vyogenda mu gihe bitagenze uko bovyipfuza. Bagatangazwa n’ingene babariwe kuzunguruka gusa ico gisagara iminsi itandatu yose ataco bakoze kandi basanzwe biteguye.
No muri twebge ntihabuzemwo abantu biyumvira nkuko nyene iyo tuvuze ivyerekeye gusenga Imana. Hariho abavuga ngo muriko murata umwanya, ngo gusenga sikwo kuzohaza abantu bashonje mu gihugu, ngo sikwo kuzohana abarenganya abantu, ngo sikwo kuzunga imitima yasambuwe n’indyane zo mu miryango n’ayandi mabi. Inyishu n’uko turindirira mu Mwami wacu kuko abiteze Uhoraho bazokwama biyubura mu nkomezi nsha, bazodugisha amababa nk’inkukuma, biruke ntibaruhe, bagende ntibadendebukirwe. [Yesaya 40:31] Kurindira igihe c’Uhoraho biva mu kumwizera kwacu, bikagwiza kumwizigira bigatuma nawe aduhindura akatugira basha. Duhagarare kuco yatubariye. - Turi abantu buntu, nti twikwije dukeneye Imana.
Burya iyo hataba Uhoraho Imana abisirayeli bari gutaha zirayoye. Bari kuzunguruka Yeriko incuro ibihumbi n’ibihumbagiza, bari kuvuza zirya nzamba zabo mbere bakazana n’izindi umuyoro bakazihuha gushika naho impwemu zibaheramwo. Ata bushobozi bg’Imana bgururutse ibisika vy’i Yeriko ntivyari no kwasa umugaga. Ico abantu benshi badatahura bigatuma biruhishiriza ubusa bama mu migambi idashika n’uko badashaka kwumvira ijwi ry’Imana ngo bagendere kw’ijambo yabategetse.
Turakeneye Imana kugira ngo tuneshe urugamba rw’ivyaha, urugamba rw’ubukene, urugamba rw’akarenganyo, urugamba urwarirwo rwose rurakeneye abagabo n’abagore batavuga gusa yuko bashize Imana imbere mugabo bayumvira bakagenza nkuko igomba kugira ngo bareke ibarongore mu nzira yo kunesha intambara. Turakeneye Imana yoduha urukundo ngo twese dukundane kandi dukunde igihugu cacu, Imana yoduha kunesha ibigeragezo, yoduha gukora akazi kacu neza no kubungabunga imiryango yacu neza. Turakeneye Imana idufashe kugira ngo tureke kwiyumvira yuko ku bgacu twese tuvyishoboreye mugabo yuko turi kumwe n’Imana vyose bishoboka. - Ukwubaha Uhoraho Imana ni ivyingenzi
Burya iyo abisirayeli batumvira ivyo Imana yatumye Yosuwa, inzitiro zi Yeriko ntizari gusenyuka. Bari kuneshwa bagahava banirukanwa mu gihugu c’Isezerano. Iyo batumvira Imana bari guhonera mu bugaragwa ntihagire n’uwusigara ngo azobare inkuru kuko na Yorodani canke ikiyaga gitukura ntivyari gusubira kwiyugurura kugira ngo basubire no muri Egiputa. Iyo batumvira Yosuwa ngo bashire mu ngiro ivyo Imana yamutumanye mu kwigira ndashoboye, kari kuba akaga kuribo.
Ukwo nikwo kuri dutegerezwa kugenderako uyu munsi twebge nk’abizera. Abaganza n’abaganzwa benshi barakwirengagiza ni naco gituma isi igeze aho iri uyu munsi. Bataye Imana bakurikira ibintazi, basigarana Imana kukarimi gusa.
Turakwiriye kugarukana Uhoraho Imana n’igitinyiro cayo mu gihugu cacu c’Uburundi, atari ku karimi gusmugabo mu bikorwa. Hahirwa abumva ijambo ry’Imana bakarikurikiza. Abo bagira imigisha [Luka 11:28] - Ivyo Uhoraho Imana yasezeranye arabishitsa
Kubera yuko Imana yari yasezeraniye Ihanga rya Isirayeli kirya gihugu ci Kanani, gusenyura inzitiro zi Yeriko cari ikimenyetso ntarengwa yuko Imana yishuye mu gushitsa isezerano yabasezeraniye. Hari haciye igihe kitari gito kuva Imana ibasezeraniye igihugu c’Isezerano n’igihe baje kugihabga. Bamaze kucinjira nta muntu n’umwe ashobora kukibaka naho yoba yitwaje ibingana gute, kiretse ari Imana yonyene ikibirukanyemwo. Kera, igihugu c’Isezerano kari akarere Imana Yehova yasezeraniye uruvyaro rwa Aburahamu, Ihanga yatoranije. Nkuko tubisanga mu [Guharura 34:1-12] Kari akarere kari hagati ya Kanani ya kera n’ikiyaga Mediterane ariko kubera ukugarariza no kudasonera ivyagezwe vy’Imana, ubu uravye neza Abisirayeli bafise 1/3 caho Aburahamu yari yasezeraniwe, haciye imyaka ibihumbi bitatu. Uyu munsi bangana na miliyoni 9. 174. 520 bakaba baba kuri 22.145 km2. Bakaba bazengurutswe n’amahanga 57 afise ibirwanisho n’ingabo z’abansi babo bangana na 1.800.000.000.
Natwe ihanga ry’Abarundi nk’abahawe isezerano n’Uhoraho Imana, icambere dutegerezwa kubanza kumenya n’ico turi yuko turi Ihanga Ryatoranijwe n’Imana. Ikigira kabiri ni ukumenya ico twasezeraniwe yuko ar’Uburundi bg’Isezerano, igihugu gitemba amata n’ubuki n’Abarundi bazotwara umuvyuro n’ikanguro hirya no hino kw’isi imbere yuko Yesu Kristo agaruka gutora umugeni. Uburundi ni igihugu ciza cane kivomewe n’inzuzi n’ibiyaga Tanganyika na Cohoha, kirimwo amashamba cimeza meza nka Nyungwe na Ruvubu harimwo n’amasho kama. Ni igihugu kirimwo udusozi n’ibiyaya, imvura igwa n’izuba rikarasa kingana na 27,834 km2 gituwemwo n’abantu 13,162,952 gusa. Burya uwambaye ikirezi ntamenya yuko cera! Reke gutongera ngo caraze Abarundi babaye umurengera, ngo ni ukuvyara kurugero. Iyo n’imvugo y’abantu batazi isezerano Imana yahaye abo ikunda kandi bananiwe gutunganya igihugu. Iyo mvugo ni ukwatura umuvumo w’urupfu ku Barundi aho kubahezagira. [Itanguriro 1:28]
Turakwiriye gushimira Imana yuko yaduhaye igihugu ciza kandi yaduhaye n’Isezerano ry’intahava. Ubu rero ko yatubariye ico dukora kugira ngo idushitse mu masezerano, hamagarira umurundi wese kwitaba aka kamo ko kuzunguruka Yeriko yacu iminsi indwi kugira ikomvomvore birya bisika bitubuza gushika mu gihugu c’isezerano.
Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo Yamamare!