Mu Burundi wewe uri mu buhe bgoko?

Hariho ubgoko butatu bg’Abarundi mukwiriye kwiyubara. Imana ikwiriye kubaha ubgenge bgo kubana nabo. Abambere ni abantu babi bakora ibibi gusa. Abo ubasanga hose mu kibano, mu kazi mu masengero no mu buzima bga misi yose. Ubugira kabiri n’abantu bikunda. Abo ibintu vyose bavyihererezako, ntibanezwe igihugu, abrenganywa, abakenye, abapfa canke ibishikira Abarundi. Abo ubasanga ahantu hose. Ubundi bgoko bg’Abarundi ni abantu ataco banezwe, ba ntirumveko n’abadashobora kugira uwo botabara. Abo bose bari no mu nzego zose z’igihugu. Dutegerezwa kugira ubgenge bgo kubana nabo. Ubgoko bugira kane tutavuze n’ubg’abakunda igihugu bagashobora no kucitangira kuko bazi yuko Imana yakibaraze ngo bagikorere. Abo basabga guhaguruka kugira ngo bamire ayo yandi moko atuye mu gihugu.