
UMUTIMA WA DAWIDI
« Maz’ umwami Dawidi arinjira, yicara imbere y’Uhoraho, aravuga, ati Mwami Uhoraho, mbega jewe n’inda n’indesho, n’inzu yanje, nar’ iki, kubona wagiye unzigama gushitsa n’ubu?
2 Samweli 7:18″
Aha n’igihe umuvugishwa Natani yabwiye Dawidi ko Uhoraho azokomeza ingoma yiwe ibihe vyose.Ariko kandi Dawidi yari yipfuje kwubakira ingoro Uhoraho,nawe amubwira ko izokwubakwa n’umwana wiwe.
Dawidi yar’afise umutima utangaje.
Mubuhangange bwiwe bwose nk’umwami,ntiyigeze yibagira kure yavuye,
n’uwahamukuye
(Uhoraho).
Bibiliya ivuga ko Dawidi yar’ umuhizi w’inkomezi
(1samwel16:18),ariko ntiyigeze aha agaciro ko ubwo buhizi aribwo bwamuha kunesha.Yaravuze ati jewe n’inda n’indesho,…,nari iki kuba wagiye uranzigama gushitsa n’ubu?
Benshi Imana ibagiriye neza,ni bakeya bokwivuga ngo jewe n’inda n’indesho,nari iki…,ahubwo baba bageze aho batangura kwereka abandi ko nabo basigaye bakomeye,…
Nibakeyi kandi bibagira ubuhizi bwabo(ubwenge bwabo,abo bazinanye batumye bikunda,abiwabo bifise,…),bakavuga ati Uhoraho yagiye andokora(anteza intambwe).
Ikindi,Dawidi no mubuhangange bwiwe nk’umwami,yar’agifise umutima wo kurondera Uhoraho.
Benedata,umuntu akunda Imana ntamwanya wo gusenga yobura,n’ubwo yoba ajejwe amabanga angana gute.Ngira ntamuntu afise amabanga menshi nk’umwami,ariko Dawidi uwo mwanya yar’awufise.
Umwanya w’Imana ushobora kugabanuka birumvikana,ariko ntushobora kubura,nimba koko ifise ikibanza cambere .
Umuntu ashobora kuja kukazi asenga,agataha asenga,agasenga ari muri douche,…iyo yose n’imyanya abavuga ko atamwanya bafise bokoresha.Kuko igikora kumutima Imana s’ugusenga uhumirije,ahubwo n’umutima uyirondera.
Dawidi yari yibuka iyo yavuye,
n’uwahamushikanye
(Uhoraho),kandi yagumye ar’umukunzi w’Uhoraho,kuko yar’afise umutima umurondera.Natwe dukwiye kugira umutima nk’uyo wa Dawidi,nawe azoshishikara adukomeza muvyacu no mubacu. Muhezagirwe. Muhezagirwe .