Mwari muzi yuko umuduhe w’ibiraya biboze ugarika umuntu.

Mu Burundi hagize iminsi havugwa abantu bicana hakoreshejwe uburozi, isumu, amangetengete n’ibindi gushika n’aho sentare y’igihugu yagiriza uwahoze ari umushikiranganji wa mbere gushaka kwica umukuru w’igihugu akoresheje amangetengete. Bikaba vyari bisanzwe binugwanugwa yuko Président Petero Nkurunziza yicishijwe isumu. Hari n’abandi benshi mu ba généraux n’abandi bategetsi tuzi barusimvye!

Abarundi bariyambitse ibara no mu makungu. Harageze yuko duhindura abantu n’ibintu!

Akamoto k’ibiraya biboze nako nyenye ni isumu ku muntu. Biduhuka umunuko witwa « Solanine » wica kubi. Umuntu atangura gutakaza ubgenge hanyuma agaca apfa. Iyo bakugaburiye ibiraya biboze, umeneka umutwe, ukadawha, ugacibgamwo, ingingo zigahagarara (paralysie) hanyu ugasezera isi. Muze muririnda kurya no kunywa ivyo mubonye vyose na cane cane mur’iyi minsi hibonekeza inzara mu gihugu.

Nti duhakana yuko abantu bahana ishano ku buryo butangaje ngaha mu gihugu cacu, ariko hariho bamwe barya ivyo kurya bibi «Intoxication alimentaire » kubera kutabimenya, kubera isuku rike canke n’amagara yabo umubiri ntiwigwanire; hanyuma bigaheza bikavugwa ngo bamuhaye uburozi. Umuntu wese akomeze gusuzuma neza ivyo afungura.