
Utubazo twa Mwigisha Aimé Parfait Niyonkuru ku Mana.
« Uzōgeza ryârí kūntangāza Mâna? Ufata Ibihúgu bitâgushize imbere, birōngowe n’ábahakanyi, bakorá ryā vumwe ryâtuma urígita Sodoma na Gomora, ukabihūnda ama $£€ (amafaranga y’agaciro), igitoro kikîsēsa, ikizíme kikaba umuganí, impêmbo y’umukózi ikamútūnga n’úmuryāngo, mberé akanásāguzakó ku kwêzi.
Mugábo, aho ihânga ryâgushize imbere, ahó Indōngōzi wîtōreye ucîye ku Bênegíhugu zigukûnda, zikwâmbaza, zikagúkorera ijoro n’úmurāngo, igitoro kikaba umuzi w’íbuye? Umushahara ntŭbe ukíbumba abawúhēmbwa, abagānga bakômoka bakaja kuvūra mu bihúgu vyâguhāye umugôngo.
Ubwo, kumwe wabígirira Yobú, ntiwaretse Shetani ngo itugerágeze kugira urabe igipīmo c’ úkwêmera kwâcu, twēmânga dúshize amânga? Cânké wewé uboná i bwìína bw’imitíma yâcu, hari icó ukemá ukwêmera kwâcu? Ndîzeye,ko tutarí nka ryā hănga wavúga ubícīshije ku muhanūzi Isaya 29:13 ngo : « aba bāntu banyegereye n’ákanwa kăbo gusa, bakāninaharīsha iminwa yâbo gusa, mugabo imitíma yâbo bâyīgije kure yānje cāne » ( Ce peuple m’honore de la bouche et des lèvres, mais son coeur est éloigné de moi). Mu gihe ukurí kwōba arí uko, twōba túryāmbaye.
Ntaho dukūra ububāsha bwó kugusaba insíguro (comptes) z’úko tubayého, mugábo utwêmerere Mâna twībaze igitúma umēngo ikibânza twăguhāye, intâhe tugushìíngira, amasēngēsho tugutŭra ntibihūye n’ímigisha turōnka, kiretse túbifashe mu yindi ntâhūro nyúrabwênge (philosophie). »
Dr Aimé Parfait Niyonkuru ni umwigisha wa kaminuza, ni umuhinga mu bijanye n’amategeko. Utu tubazo yadushize ku rubuga rwiwe rwa X