Burundi, irabica bigacika ariko abantu bagatinya kubivuga kandi n’ububisha bukiyongera.

Mu gisagara ca Bujumbura muri Kamenge hari umuntu yahitanywe n’ikigoyi. Ni umuntu w’umugabo biboneka ko afise imyaka iri hejuru ya 50, yatowe ikiziga mu gatondo ko kuri uyu wa 19 Kigarama 2023, neza na neza imbere ya Station #Top7 muri karitiye #Mirango ya zone #Kamenge, muri meri ya Bujumbura

Nk’uko twavyiganiwe n’abari ngaho bikongera bigashimangirwa n’umukuru wa karitiye Mirango, ngo vyatanguye k’umugoroba wo kuri uyu wa 18 Kigarama aho babona uwo mugabo aryamye kuri rond-point y’aho bita « iwabo n’abantu », niho bamubaza iyo ava nawe aca avuga ko avuka muri Zone Kinama yo muri meri ya Bujumbura nyene

Muri ako kanya babonye aremvye, haca havamwo umwe yegeranya amahera yo kumushikana muhira, ariko birakekwa ko uwayegeranije ataco yahavuye amufasha ahubwo yaciye amuta mu nzira arigira!

Abamubonye mw’ijoro asa n’uwuri ku mpfiro batwiganiye ko bagerageje kumuhembura bakoresheje amata n’umukate ariko birangira acikanye

Nibaruta Evariste umukuru wa Karitiye Mirango, ari kumwe n’abajejwe umutekano banyarukiye gushika ahatowe ico kiziga kugira ngo bakore icegeranyo, akaba yatumenyesheje ko ariko ararondera impapuro zisabwa n’amategeko kugira ngo batware ico kiziga mu buruhukiro mu kurindira ko abiwabo bamenyekana, narirya uwo yitavye Imana atabimuranga yari afise