Ubuhanuzi bg’ikuri burabaho kandi bugiye gushika.

Abashakashatsi barazi kugira ubushakashatsi kandi bakabushira ahabona maze bakitwa ibihangange mw’isi. Ariko ivyo bavuga usanga Abarundi baba babizi imbere y’igihe naho ataho biba vyanditse canke ata biharuro bakoresheje.

Ishirahamwe AL rirashobora kubura urupfu rw’umuntu atakwihenda kurimwo. Abashakashatsi bo muri Danemark no muri Amerika bashizeho système yitwa LIFE2VEC ishobora kwerekana yuko umuntu agiye gupfa kandi ibice 75%.

Ibisa n’ivyo turabifise mu mico y’ikirundi ivyo bita agasema kandi ababigendereje bakavuga yuko ari ukuri. Akarorero, igihuna kije kuvugira mu rugo iwanyu muramenya yuko hariho impfu zimirije. Hariho n’utundi dukoko dukwega inda bita ibisabanyama turinze tuza mu rugo iwanyu mumenya yuko ikigandaro cinjiye. No mu gihugu hariho ibimenyetso biba maze abenegihugu bakamenya yuko ari agasema k’abategetsi. Ivyo navyo ni nka nyamugigima, ikigoyi, uruzuba… Kuva kera hamye habaho na ba kamenyi, abahanuzi na ba karosi barota inzozi bakabona n’ibindi bamenya yuko iminsi y’umuntu iharuye!

Mu gihugu cacu hariho ibintu vyinshi vyavugishijwe kandi hariho n’ibimenyetso vyinshi bidahumuriza. Abasenga ni mwihane mwezwe musenge kugira ngo Imana itabare igihugu cacu. Ico mwomenya n’uko uku kwezi ari ukwanyuma kandi turi mu matariki ya nyuma yo gutabarwa. Ni mwitegurire urukiza ruvuye k’Uhoraho Imana.