Ubutare bginshi buri mu gihugu c’Uburundi bugiye kugiteza imbere

igiciro ca Nickel, uko igurwa kw’isoko mpuzamakungu, nuko ku makuru urubuga, “Business Insider” rusanzwe rukurikirana ivy’ubudandaji bw’ubutare rwashize ahabona, ikiro kimwe ca Nickel kigurwa amadorare arenga gato cumi n’atanu ( 15.70 USD).

Ni mu gihe bigereranywa ko i Musongati, mu ntara ya Rutana hariyo amatoni imiriyoni 150 (150.000.000) za nickel, zokwimbwa imyaka 25.

Ahandi hamaze kuba ivyigwa ku ntambwe zitandukanye ni :
Nyabikere-Karuzi: Amatoni 46.000.000
Waga-Gitega: Amatoni 35.000.00
Mukanda-Gitega: Amatoni 11.800.000