
Rugombo #Uburimyi: Abarimyi b’ipampa baridoga ko baheraniwe
Abo barimyi b’ipampa ni abo ahitwa Rukana muri komine Rugombo mu ntara ya Cibitoke bavuga ko haheze amezi arenga ane bacuruje ipampa muri #COGERCO kandi bari babwiwe ko bagiye guhabwa amafaranga yabo mugabo amaso agahera mu nzira.
Abo barimyi bababazwa no kubona mu kwezi kwa kigarama umuyobozi wa COGERCO yari yabijeje ko amafaranga yabo mu misi cumi bazoba bayaronkejwe. Ariko gushika ubu ata ni yambu.
Bakamenysha ko ayo mafararanga ariyo yabafasha mu kuriha amafaranga y’ishure y’abana ubu n’abana birukanywe ku mashure kubera batakironka uko babarihira. Basaba Umukuru w’igihugu kubishuriza amafaranga y’ipampa. Muri COGERCO basaba abo barimyi kurindira bihanganye kuko ikibazo cabo kizwi