Abarongoye uburimyi bakwiriye kwijukira ibiterwa bishasha mu gihugu kugira ngo bagwize umwimbu.

Hari ishirahamwe ryitwa « JIT MAT UGANDA LIMITED » rigiye kuza mu Burundi rizorima amasaka yera ryongere ryubake n’ihinguriro ryayo. Bivugwa n’umushikiranganji ajejwe uburimyi. Prosper Dodiko amenyesha ko bazorima kijambere kandi ko n’abarimyi bazokorana bazobaha imbuto n’ifumbire bongere babakurikirane. Umushikiranganji Dodiko aremeza ko imashini zo kurima zatanguye gushika. Yongerako ko abazokwitabira umugambi bazobagurira ikiro c’amasaka ku bihumbi 3.

Uwuserukira iryo shirahamwe mu Burundi avuga ko ayo masaka azovamwo isukari n’imfungurwa z’ibitungwa. Bazokora kandi umwavu hamwe n’ivyo bita ‘Ethanol’. Ethanol ngo bazoyishora hanze kugira baronke amahera mvamakungu. Ku bwiwe, abarundi nibatashobora kugura isukari yose, bazoca baza barayishora no mu bihugu bibanyi. Asigura ko bategekanya kuzohingura amatanoni amajana atanu ku munsi. Amenyesha ko bazanye umutahe w’imiriyoni 160 z’amafaranga y’amanyaburaya.

Umukuru w’igihugu avuga ko ashimishwa n’uko abagwizatunga bariko baraza mu gihugu arongoye. Evariste Ndayishimiye abona ko bizotuma umwimbu uzoca uduga. Hari kuri uyu wa gatanu, i Gitega, igihe yariko aragirana inama n’aborozi b’ingurube bari bavuye mu gihugu cose.