Burundi: Intara yose yoba ifise ingene itoza ikori bidahuye n’amategeko y’igihugu canke!

Gitega: Umukiriya wese yinjira mw’ihoteri abwirizwa kuza aratozwa 5 % yiyongera ku giciro c’icumba yarayemwo (Taxe de consommation sur l’hébergement), ayo agaca yegeranywa, agashirwa muri #OBR mu minsi itarenga 15 y’ukwezi gukurikira ukwo yatojwemwo, ico gihe kirenze mwene ihoteri akabihanirwa ». Bishikirizwa na Jean de Dieu Nimbona, ajejwe gusuzuma itororokanywa ry’amakori n’amatagisi mu kigo OBR, i #Gitega. Ivyo akaba yavyibukije kuri uyu wa 11/01/2024 mu nama Buramatari w’intara ya Gitega Venant Manirambona yari yakoranije abantu bose bakora ibikorwa vyo kwakira ingenzi, abafise inzu z’uburaro, z’uburiro n’iz’ubunywero, mu nyubakwa z’ishure ry’ubuvuzi Paramédical ry’i Gitega.

Dieudonné Nzohabonayo, aserukira Ubushikiranganji bw’ubudandaji, i Gitega: « Amazu y’uburiro, amahoteri, ububare, bategerezwa gukora bafise impapuro zitangwa n’ubwo bushikiranganji zerekana ko bazwi n’amategeko »

Bamwe mu bashikirije ibibazo bagize bati: « Gutoza amakori n’amatagisi ni vyiza. Ariko nuko ibirangurwa bitagaragara. Igihe cose dushoye ibitungwa dutozwa amatagisi ariko imvura iguye, tunyagirirwa aho… »

Abadandaza ibinyobwa nabo bati: « Ko turondera vyangombwa ariko ab’amabutike bakabandanya badandaza n’ibinyobwa, kandi batabifitiye uruhusha nkatwe, bakadutwara abakiriya, ibituma dukorera mu ruhombo… »

Kuri ivyo bibazo, Buramatari wa Gitega yamenyeshe ko ivyo vyose abajejwe intwaro babifashe mu minwe

Nayo Jacques Nduwimana arongoye komine #Gitega aca asaba abubaka amahoteri kubandanya biyumvira no kuduza inyubakwa nziza cane, haboneke n’iy’inyenyeri zitanu kugira Umugwa mukuru wa poritike ukomeze guhindura isura