

IMBURI N’UBUHANUZI: Evelyne NTUNZENIMANA BATAZIRA MUSUMARI ASUBIRIYE KWEREKWA IBINTU BIHAMBAYE KU BURUNDI: ISEZERANO RIRASHITSE.
Evelyne NTUNZWENIMANA yeretswe ingene amasezerano ku gihugu c’Uburundi agire ashike, ibigiye kuba vyose n’ingene vyose bizokurikirana. Biteye ubgoba.
Uyo Evelyne Ntunzwenima ni umukenyezi w’umurundikazi yavukiye mu gihugu c’Uburundi, mu ntara ya Gitega muri Komone Mutaho. Yavutse kw’igenekerezo 5 z’ukwezi kawa kane (Ndamukiza) mu mwaka wa 1974. Kubera indyane igihugu cacu caciyemwo yahavuye ahungira mu gihugu ca Tanzaniya mu nkambi y’impunzi ya KARAGO muri Kibondo. Aho niho yaronkeye izina ry’iritazirano rya MUSUMARI kubera yari akerebutse, ari umuhizi akaba n’umukuru w’umugwi wakina umupira w’amaguru n’uwamaboko. Arazwi cane kuko yarabaye umukuru w’indero (Coordinatrice) aho i Karago mu gihugu ca Tanzaniya mugabo ubu atuye mu gihugu ca Amerika. Iryo zina ryiritazirano ryaramukurikiranye gushika naho umuvugishwakazi w’umunyamerika yitwa Desiree BROWN yamubgiye yuko yitwa musumali (Nail) nka wawundi bateye mu kiganza ca Yesu Kristo.
Uhoraho yaramwihishuriye incuro nyunsi yongera amuha ubuhanuzi bginshi kw’ishengero no ku gihugu. Tuzoza turabashikiriza bukebuke. Mugiye kumwiyumvira kw’ihishurirwa yahawe mu mwaka wa 2012 ryerekeye amungane ane (4) yahawe n’Uhoraho Imana kw’ishengero ryose ryitirirwa Imana yo mw’ijuru. [1. Batereye amagara hejuru, umwe wese ni asame ayiwe; 2. Izere, uhinduke, wihane maze wandike ibaruwa ry’igisabo; 3. Ntuze wigere wigira kabizi kuko ntaco uzi; 4. Ntuze wigere uba umucamanza w’abandi.] Afise n’ihishurirwa ritangaje ryitwa E.D.C (Evaluation, Decision Conclusion). Atubikiye amabanga menshi y’ijuru muzoza murahishurirwa.
Dufise imburi nyinshi yataze ku gihugu cacu c’Uburundi no kubindi bihugu tuzoza turabashikiriza co kimwe n’ubundi buvugishwa bginshi yahawe kw’ishengero.
- Abantu benshi baribuka yuko kuwa 28 Nzero 2013 yagize ati: “Indege izokoroka abigira abahinga bose bazorondera ntaniyo bazobona irengero. Umuntu isi izomumira aho aciye bahabone ariko ntabahinga bazomubona irengero. Eka haba no mu mazi y’umwuzure, mu nzuzi z’ibiyaga, amabahari, inyanja n’ibindi, abahinga bazokoresha ivyuma vyabo nta nakimwe bazobona.” Yavuga indege yo muri Malaisiya yarimwo abantu 239 bava mu bihugu 14 yahavuye ikorokera mu nyanka kuwa 8/03/2014. Abahinga bava kw’isi yose baragiye kuraba aho yakorokeye, bose yibuze iregero n’abarimwo bose.
- Mu mwaka wa 2016 yatubariye yuko yeretswe umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA apfiriye mu ntara ya KARUZI mugabo akabona bagiye ku mushingura mu ntara ya GITEGA. Abitubariye twagize tuti reka tubirindire turabe. Ivyo vyagenze uko yabivuze namwe murabizi.
-Kwigenekerezo rya 6 mu kwezi kwa 6 (Ruheshi) uyu mwaka 2020, igihe uyo mukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yariko arirorerera agapira, Umusenzi akaba n’umuvugishwa Evelyne NTUNZWENIMA yatubariye ngo yumvise ijwi ry’Uhoraho rimbarira yuko Petero NKURUNZIZA asandavye. Riti ivyo wavugishijwe birashikijwe. Ntitwaciye dutahura ivyarivyo mugabo inyuma y’umunsi 1 gusa kw’igenekerezo rya 8/6/2020 niho leta y’Uburundi yatangaza yuko umukuru w’igihugu yaraye atanze, ahitanywe n’ingwara y’umutima.
Hari n’ibindi vyinshi uwo mukozi w’Imana yaduhishuriye vyerekana neza yuko ari ari umuvugishwa w’ukuri, umuhanuzi yasizwe amavuta n’ijuru kandi akorera Uhoraho Imana. Uyu munsi Umuhanuzi Evelyne NTUNZWENIMANA yahawe gusemerera kw’Ihanga ry’Abarundi ngo twese twihane, twezwe kuko Uhoraho Imana araje gushitsa ico yasezeraniye ihanga ry’Abarundi.
- KW’IGENEKEREZO RYA 28/1/13
Uyo musi hari mu bucagucagu bg’igenekerezo rya 28/1/13 aho narisanzwe mfise umutumiro wo kuvuga ubutumwa bgiza ku murongo (umusozi w’Imana) wa sasaba z’umutaga, niho ijwi ry’Imana ryanzako rivuga riti: ITANGAZO RY’INKEBUZO, IMANA IBURIRA ABAYO IKUNDA!
Ukuvobavoba kw’iy’isi n’ukumirwa kw’abantu n’ibintu kubahurikiye shetani n’inyosha mbi zayo: UHORAHO IMANA arantuma ati:” SEMERERA UBABARIRIRE IBI” Arabakunda cane kandi ntakizoba atabibiye akabanga kandi ntakwo atakora, gutora no kurungika abavuga ubutumwa bgiza. Abakozi b’Imana bakwiye isi yose abandi bazunguruka imihingo myinshi bavuga, basemerera bongera batubwira ivyimirije bijanye n’uko iy’isi iriko irahera ngo ni duhinduke tuve ibuzimu tuje ibuntu.
-Ati aho hari abasenga igitondo, umutaga n’ijoro ryose ubudahengeshanya basaba bongera bicisha bugufi mu mashengero y’Imana no mu bindi bibanza bitandukanye.
-Ati rero umuntu wese atashoboye kwumvira Abakozi banje natumanye amajambo yanje y’imburi, uragabe! Harico ugiye kubona! Kubera ukutumvira Imana!
-Ati rero muragaba shetani nawe buca agomora abakozi biwe! Iy’isi rero igiye kuvobavoba vuba kandi mugiye kubibona. Aho inyubako n’ibirimwo bizomirwa abantu barorera bibonera n’amaso yabo!
-Ati aho indege izokoroka abigira abahinga bose bazorondera ntaniyoba zobona irengero. Umuntu isi izomumira aho aciye bahabone ariko ntabahinga bazomubona irengero! Eka haba no mu mazi y’umwuzure mu nzuzi y’ibiyaga, amabahari, inyanja n’ibindi, abahinga bazokoresha ivyuma vyabo ntanakimwe bazobona.
Uhoraho ati bambaririre abumva Uhoraho aradukunda ni duhinduke kandi duhindure ubugingo bwacu hakiri kare kuko ata numwe azi umusi n’isaha, amen! - KW’IGENEKEREZO RYA 3/4/14
Umumarayika yaranyiyeretse arambgira uwariwe ko ari umwe mu bamarayika barungitswe n’Uhoraho ngo baze gutanga imburi. Ati rero raba aho wandika aya majambo. Ati: “MURONDERE INZIRA ZOSE ZISHOBOKA MUMENYEKANISHE AYA MAJAMBO KANDI MUYAMAMAZE ASHIKE KURI BOSE”.
Ati: iki ni ca gihe co kurondera ubugingo bgawe hakiri kare no guhinduka kuko yesu araje vuba! Ico gihe mpejeje narimfise ikibazo ngire ndamubaze nunamuye amaso ngo ndamubaze nsanga yagiye kandi twari twicaranye, amen! - KW’INEKEREZO RYA 3/6/2014
Aho twumviye ubuhanuzi Uhoraho Imana ivuga ngo genda ubabwire uti: “NI MWIREKERE!” Kw’uyo musi mw’ijoro niho nasenga Imana ndayisaba ngo tumenye impamvu yatumye ayo majambo ahambaye atryo
Niho Uhoraho Imana y’Ukuri yumva kandi yishura, nteturuye yangendera mw’iryojoro, iti: “Ni jewe uwuhoraho imana yawe, nje kugutora nkujane nkwereke icatumye ntuma arya majambo, nicatumye ndakara.”
Niho yanjana muri Mpwemu Yera anshikana kwico kibanza, nsanga n’ahantu hari amashengero ariko antumbereza mukibanza cahari hateguriwe kubera umusi mukuru wa PASIKA 17/2/14. Aho uwo musi mukuru utakozwe nkuko vyari vyarateganijwe arinaco gituma Imana yarakajwe nuko abakozi b’Imana batakoze igikorwa cayo ngo gishike mukuri. Niho nashika, nshikira kubantu benshi hanze, ubwo nabona aba-Kristo (Abana eka nabakuze)bariko barafungura ibifungurwa ariko ivyo vyokurya vyaboneka nkibitatekewe aho. Ndaheza ndabaramutsa nabo bampa karibu ngo mfate isahani ngo mfungure muribo nanje nti oya murakoze, nti ahubwo mfise ikibazo.
Nabo ngo baza:
-None ko muri hano hanze muriko murarya uno musi nta misa ihari ?
-Irahari!
-None ni igiki cabatumye mutaja gusenga mungana gutrya kwose kandi muriko mwirira ibifungurwa?
-Ni birebire Mupfasoni!
-Ivyo nyene nivyo nshaka kumenya, ntariko abandi bari mu mw’isengero?
-Ego, genda ntusange basohotse.
Ivyo bintera amakenga, ubwo ndabaheba inca nirukanga mw’isengero. Maze gushika mu rushengero rw’Imana nsanga ntamasengesho ariyo ahubwo nsanga hariyo urwamo rurenze rugizwe n’ibibazo vyinshi kandi bitandukanye aba-Kristo bariko babaza abakozi b’Imana kubijanye numusi wa Pasika utakozwe.
Ivyo yeretswe uyu munsi muzobironka vyose.
Telefone yiwe ni +1 716 335 1440
Murakoze! Kristo Yesu Yamamare!