Uhoraho Imana agira ashitse isezerano ku gihugu c’Uburundi nk’uko yabimweretse mu 2015.

UHORAHO AGIRA ASHITSE ISEZERANO YERETSE ABASAVYI N’ABASAVYIKAZI BIWE VUBA

Kw’iziina nitwa Irene Sheha. Nd’uwo mw’Ihanga Ryera ry’Imana. Nagira ndagusabe wewe ukunda gusoma ivyerekanywe wigore ufate akanya usome ivyo neretswe kandi nabonye.
Hari kwigenekerezo rya 17/08/2015 zari isaha 4.15am( zubuca)
Nabonye ndi munzira nduga ahantu hakadugo. Ngize gutrya nza mbona abagabo batatu (3) bambaye impuzu zera mubitugu, bari haruguru yanje batambuka n’amaguru munzira.Ibirenge vyabo sinabibona kuko bari kure yanje gato.Babiri (2) bagenda begeranye n’uwundi umwe (1)inyuma yabo gato.Uwo mugabo yagendera inyuma yabo naciye mbona akiriza ukuboko

hejuru yerekanisha ikimenyetso vubanavuba (anyarutsa) kurya kwabasirikare bakora.Nanje mbonye ivy’uwomugabo akoze naciye nipfuza kubona nokumenya ivyo yerekanye mu buryo nk’ubwo ivyarivyo,Kuko yaciye aguma ahagaze ahonyene abiraba.Kandi nabamwe bari imbere yiwe, ntibongeye kubandanya, baciye bahagarara baraba iyo yerekanishije ukuboko kw’iwe, kwerekeje m’ubuseruko.Ico gihe naciye nihuta ngo negereze ndabe ivyo yabonye kuko nibaza ngo ngirango abonye abagwanyi bateye nkahantu. Ndi hafi kubashikira naciye mpagarara ndaba iyo berekeje amaso m’ubuseruko.Yoooo Mwami wanje naciye mbona ibihambaye biteye ubwoba cane !!! Ndavye hejuru nabonye amafoto yabantu benshi cane, ntamenye igitigiri cabo, batonze umurongo, uhereye kubana batobato uko bagenda basumbasumbana, gushitsa kubantu bakuze. .Kandi icantangaje ntiyari amafoto nkamwe tumenyereye kubona afise amarangi , oya ntamarangi yarangwa kurayo mafoto,ahubwo yaramafoto adasanzwe,kuko ntabona ko yoba yacapishijwe n’ikaramu canke n’ikaramu yigiti canke zakaramu z’amarangi zimenyereye gucapishwa nkuko bisanzwe.Intimbatimbo yivyo bicapo yari yagutse nkaho umenga vyoba vyacapishijwe nurutoke.Icogihe navyitegereza ubwoba bwandengeye, kuburyo atako nobivuga.Nkiriko ndabiraba numiwe nivyo ndiko ndabona, nca numva ngo” kandi abo bantu bose nabapfuye bishwe muntambara zaheze canke zarenganye”.Kandi vyaboneka ko abo bantu bagira bahoregwe kuko benshi bishwe ataco bazira.Ngitekewe n’ubwoba nihweza ,naciye mbona ijambo ryanditswe haruhande yayo mashusho yabantu hejuru mukirere ngo “NGIRYO ISEZERANO RIRASHITSE”.
Nongera kubona n’irindi jambo rigufi ryanditse mucongereza ngo” SEND” (rungika). Ubwo nyene nkirangiza gusoma iryo jambo rigufi nagiyembona vyabintu vyose naraba biri kure yanje mubuseruko, vyanyegereye naho mpagaze mukanya isase.
Yoooo! Bimaze kunyegera ahondi ho ,ubwoba burantwikira no kurushiriza uko narindi .Icatumye ngira ubwoba kurusha, n’uko naciye mbona n’ivyo ntari nabonye, nkibiraba ubwambere, bikiri m’ubuseruko hejuru kure yanje cane.N’ukuvuga naciye mbona ari ikintu kidasanzwe kinini cane kandi kirekire gitembera gifise amapine matomato gisizwe n’irangi risa n’agahama (red),hejuru canditsweko ivyandiko.Icantangaje, n’uko nabona kincako kigenda, kandi sinumve n’aho gihinda, canke ngo gisume.Haba namba, cagendana ubwitonzi cane kitihuta, k’uburyo noshobora nogukozako ukuboko.Naciye nguma mpagaze aho nyene, ntangura kwiyumvira ngo hinge ndabe neza bino bintu vyanditseko ndabisome menye ico bivuga!! Ha ! Nkivyiyumvira umutima waciye uvyanka ubwo nyene ntangura kuvuga ndavyatura n’ijwi risohoka, n’ubwoba bwinshi ngo”EKA IBI BINTU NTIBINKWIRIYE KO JEWE NDABIRABA NGO NDABISOME KUKO AR’AMABANGA Y’IMANA!!!.”. Haleluya .Naciye nkebanura umusaya ndabisha k’uruhande ,nca nsigara ndabirabira hasi nakajisho kamwe ngo nsimbone ivyandiko biriko n’uko gikozwe, kuko sinabonye imbere ngo mbone n’umushoferi agitwaza.Erega ushima bitari ivyoroshe sinabonye numbarira ngo ntusome ayo majambo nagiye numva umutima umbwira ko bindengeye kurarika umutwe ngo nsome.

Ubwo rero niho n’arorera ico kintu kireruye ,AMABANGA Y’IMANA kirarengana ngihagaze hahandi nyene. Ico kintu si imodoka, si ibasi, si itereni ahubwo ni umukogote W’IMANA warureye AMABANGA Yayo .Amen
Ivyo biheze naciye mbona umugore aje ndamubaza ati, mbega woba unzaniye abana banje kombona hagira habe ibikomeye?

Nawe arishura ngo” ekaye kuko nanje atavyo namenya. Ubwo nyene naciye nihuta ngo simbe ndabatore. Nduze imuhira kuzana abobana naciye mbona intambara ikomeye yamaze gutangura. Nta muntu nabona ariko aragwana ahubwo nabonye imipanga iteye ubwoba cane yizunguriza nkakurya kw’imibanga ya kajugujugu. Iyomipanga ibiri yasa nibara ryagahama(ritukura) canke (red) iyindimipanga ibiri yarera(white).Yooo! Navyo nti vyari vyoroshe sinabonye kajugujugu, canke ngobone uwoba ariko akoresha iyo mipanga. Ariko ico bikoze iyo mipanga yari yururutse hasi gushika aho itema igatongoza no hagati mubitoke.Ndabibonye ndatewe nubwoba kandi bituma nsubira inyuma gatoya, nibaza abobana bari aho imipanga yatanguye gutema. Ubwonyene Naciye ngarura agatima nibuka muvyahanuwe ko abativanze nivyikigihe ubuhingiro buri K’UHORAHO gusa. Ndavuga ati kumbure iyo m’ipanga irabasimba .Inyuma yaho naciye mbona ahantu hari akayira kikirundi gasa nakakera ubwatsi bwoharuguru n’ubwo hepfo buhura bugafukereza iyonzira, nca ntibira muriyonzira ndaryama. Wamugore twavugana ncadamubona agihagaze ndamurya akara ati, “Reka kuguma uhagaze raba aho utibira nawe”. Yaciye araba aho aryama muri yanzira nyenye. Ndimuriyo nzira ndyamye, nubitse inda ntangura gusenga nsaba IMANA ko yondokora ngo naho ningenda nzembone rya Sezerano. Ubwo nyene naciye nikoma nariko ndasenga ninginga IMANA Amen!
Igice Ca Kabiri
Maze kwikoma naciye ngwa mugahundwe n’ivyo mbonye, ncamara umwanya nibaza ivyobintu akokanya nyene nca mfata akanya kogushima IMANA kuvyo neretswe nokubaza ati “None ga MANA UHORAHA ko numvise harimwo ugushitsa Isezerano, kandi hakaba hariho n’ abandi dufatanije inzira ija mw’ijuru ,sinoshobora kubamenyesha ivyo nabonye”? Inyuma yivyo nca mfata akanya kokwandika ivyo neretswe. Mpejeje kuvyandika nca numva ko nkwiye gufata akandi kanya kogusenga.Nuko nongera nsaba IMANA kwakundi kwambere nyene. Ndavuga ati “Kandi nivyaba bikwiye ko benedata babimenyeshwa, vyombera vyiza umpaye ikimenyetso cerekana ko nkwiriye kubivuga bose bakabimenya”. Ndagije nca nongera ndaryama kandi. Aho hari cumi nazibiri zigitondo(6 am). Ubwonyene IMANA yacu IHORAHO Ntiyatevye kwishura. Naciye mpabwa agatiro nza numva umukozi W’IMANA Pasteri Alphonse Niyonzima ariko arasemerera cane kw’iradiyo Ijwi Ry’Ubuhanuzi Ninzamba y’iherezo avuga ati “Hariho abo IMANA yagiriye ubuntu bahabwa amabanga Y’IMANA none turabahaye akanya bavuge ivyo beretswe, nca numva Ijwi ryumugabo ntamenyereye kumva kw’iradiyo Ijwi ry’ubuhanuzi n’inzamba y’iherezo,ariko aravuga nanje niteguye kuvuga ivyo neretswe,nca ndikoma.

ubwo rero naciye menya neza ko mpawe uburenganzira bwo kubimenyesha abandi. Ubwo butumwa n’ubu mur’iki gihe 2024, buriko burabiragira. IMANA IHORAHO ,ihabwe icubahiro imisi yose Amen.
Hakaba hari ico ubaza inumero zanje ni +(61)470177119
email:irene.shehe1@gmail.com

Murakoze