Indero niyo nkingi y’igihugu ariko abategetsi b’igihugu barayitengagije

Kirundo: Abana barenga 6000 nibo bahevye ishure mu gice ca mbere.

Abavyeyi batesha abana babo ishure bagiye guhabwa ibihano mu ntara ya Kirundo, ivyo bikaba vyapfundikiwe mu nama yahuje abegwa n’igisata c’indero bose inyuma yo gusanga muri iyo ntara hamaze guheba abanyeshure barenga 6000 mu gice ca mbere c’umwaka w’ishure.

Buramatari w’intara ya Kirundo akaba yasavye ko abo bose bahevye baronderwa maze bagasubizwa mu mashure. Mukaporona Leocadie arongoye igisata c’indero mu ntara ya Kirundo amenyesha ko iyo ntara iza mukibanza ca mbere ku banyeshure bahevye amashure mu gice ca mbere c’uno mwaka.

Bamwe mu bayobozi b’indero mu makomine y’intara ya Kirundo bavuga ko vyoba vyavuye kukutnu reta itashoboye gutanga ibikoresho nkuko vyahora abandi bakabona ko vyoba vyavuye ku mugambi wa reta wo gufungurira abana ku mashure kuko haraho imfungurwa zitagiye ziraboneka ku gihe. Abandi bemeza ko bimwe mu bituma abana baheba ari bamwe mu bavyeyi bahebesha abana babo bakaja kubakoresha mu ndimo z’umuceri.

Umurundi wese yategerezwa kwumva yuko akozwe ku mutima no kwumva yuko abana b’Uburundi batitaweho bikwiriye. Ubgikosha bugoyagoya, abana baheba kwiga n’ibindi.