Ibitaro burubakwa bikuzura mugabo bikamara imyaka 7 bitaratanguta gukora bigahava bisambuka

Rumonge: Ibitaro bimaze imyaka 7 vyubatswe ariko ntibiratangura gukora.

Abanyagihugu bo ku mutumba wa Rutumo uri muri zone ya Minago komine n’intara ya #Rumonge basaba ko ivuriro rya Rutumo ryubatswe n’ishirahamwe #Savonor ko ryotangura gukora kuko haciye imyaka 7 riheze kubakwa ariko rikaba ritaratangura gukora.

Abo banyagihugu bamenyesha ko batoroherwa mubijanye no kwivuza kuko bagenda ibirometero 6 kugira bashikire ivuriro riri hafi muri zone ya Minago. Musitanteri wa komine ya Rumonge #Minani_Augustin amenyesha ko amaze kwandikira ishirahanwe Savonor kugura rishikirize komine Rumonge iryo vuriro ryubatswe kuva mu mwaka wa 2016.

Mu Burundi twarakwiriye abategetsi biyumvirira igihugu, ikintu cose kikagira urutonde n’aba gikurikirana ku buryo indongozi ihindutse imigambi yoyo ya leta ibandanya kuko igihugu kiguma kibandanya. Ivyo bizotuma ata mafaranga aguma yononekarira mu migambi ataho ishira mw’iterambere ry’igihugu.