Imbuto z’ibikoti vyimbuka cane mu ntara zimwezimwe vyashitse mu gihugu

Kayanza hariho urwaruka rwatoye ubuhinga bwo kubangurira imyumbati, igiti kimwe bagashobora kugisoromako ibiro 100 canke birenga ku mwaka umwe gusa. Baramaze kuronka isoko hanze y’igihugu muri Mozambique eka ngo no muri Tanzania ngo bagiye gukorana.

Ni urwaruka rwo muri komine Kayanza umutumba #Kinyamukizi rugizwe n’abahungu 5 hamwe n’abakobwa 25 bahurikiye muri koperative « Mbegera bunini » batoye ubuhinga bwo kubangurira imyumbati ikimbuka cane ku buryo igiti kimwe gusa gishobora kuvako imyumbati iri hagati ya 70 – 100 igapima nk’ibiro 100 canke birenga bivanye n’uko wayikurikiranye mu kiringo kiri hagati y’amezi 8 n’umwaka umwe

Emmanuel Barukinamwo arongoye iyo koperative agira ati: « Twatanguye mu mwaka wa 2009, ico gihe twarima imyumbati yo gufungura gusa duca tubona yuko dukoze umugambi wagutse ko vyotugirira akamaro mbere n’abandi bakaharonkera akarusho »

Nayo ku bijanye n’ubuhinga bakoresha mu kubangurira iyo myumbati Emmanuel agira ati: « Dufata igikotikoti c’umwumbati usanzwe w’ikirundi tukagifatanya n’ikindi c’igiti citwa ikiraganyina (igiparipari, igitaraza) dukoresheje ubuhinga twize, mukuyitera naho twimba ikinogo gipima imetero kwadarato tugasukamwo ikivumvu c’umwavu hama tugashingamwo ca giti kibanguriye kimwe c’umwumbati usanzwe nico kija musi akaba arico gishorako imyumbati, hejuru naho hakaduga kimwe c’igiparipari, kandi usoromye imyumbati igiti uca usubira kugitera kwakundi nyene »

Kuva babitanguye gushika ubu, ngo baramaze kurima, amahegitari 9 mu ntara zitandukanye kandi n’ababanyi barahagirira akunguko kuko baharonkera akazi kuko hageze kurima bashobora gukoresha abakozi 200 bahembwa ku musi

Nk’uko Emmanuel abandanya abitwiganira ngo baramaze kuronka amashirahamwe yo mu #Burundi bakorana, abagurira imyumbati bagaca bayihinguramwo ifu ishobora no kuvamwo iyo gukoramwo imikate n’ibindi. Ngo bararonse n’isoko muri #Mozambique bashoramwo imyumbati, ndetse bakaba bimirije gukorana n’irindi shirahamwe ryo mu gihugu ca #Tanzaniya

Arongera agasaba Reta ko yobashigikira bagashikana iyo myumbati mu ntara zose no mu benegihugu bose, cane cane agahamagarira abari mu mashirahamwe, ko bokura amaboko mu mpuzu bakarima iyo myumbati kubwinshi kuko yunguka cane kandi mu mwanya muto ndetse ntinafatwa n’ingwara cane

Uwipfuza ko bamuha imivyaro y’ico giterwa c’imyumbati ngo yobegera bakavugana canke akakura Emmanuel asanzwe arongoye iyo koperative kuri +257 79 783 399

Une réflexion sur “Imbuto z’ibikoti vyimbuka cane mu ntara zimwezimwe vyashitse mu gihugu

Les commentaires sont fermés.