Indinganizo y’imishahara n’ikoreshwa nabi ry’amafaranga ya leta navyo bituma igihugu kidatera imbere.

🇧🇮 Haraciye igihe hibonekeza igenda ry’abaganga b’abarundi mu mahanga ivyo bigaca bituma haba ubukene bw’aganga ngaha mu Burundi. Ni muri iyo mvo Parcem Burundi yasohoye umwihwezo wayo kuri ico kibazo.

Icambere mu gisata kijanye n’amagara y’abantu ikintu cangombwa nuko habaho ikorwa neza ry’akazi ko kuvura aban’igihugu hanyuma hakabaho kandi n’itunganywa neza ry’igisata kijanye nivyo kuvuzanya ivyo navyo bakabifashwamwo n’amazu asanzwe abijejwe.

Icakabiri nuko ukwo kuvura neza gufatwa mu mugongo n’ibikoresho vyiza bigezweho , hamwe n’abaganga babizi babinonosoye kimwe kukindi , abo rero bategerezwa kuba bakwiye kandi bafashwe neza.

Muri Parcem Burundi turibaza tuti ni gute amafaranga #Reta itoza aguma yiyongera ukwo umwaka utashe , n’amadeni agafatwa ariko igisata c’amagara y’abantu ntigitezwe imbere ngo gihabwe uburyo bukwiye.

Tubona ko hariho amahera abwirizwa kugabanywa mubisata bimwe bimwe kuko ajanwa mubintu ataco bizanira umusaruro igihugu ayo nayo ni nk’amafaranga ashirwa mu makopérative kumwaka kumwaka kandi atagenzurwa rikorwa ry’ingene yakoreshejwe, nk’ibijanye n’ingendo zifatwa n’abamwe mu bari mu banga y’igihugu, hamwe n’uburusho buhabwa abandandaza mu kwinjiza ibidandazwa kubuntu. Turavye mu mahera #Reta iriko irakoresha muri uyu mwaka hariho amahera arenga imiliyaridi ijana yarakwiye gushirwa mubisata bibikwiye.Ikindi twabonye ni amahera aja mu mishara y’abakozi bo hejuru mubushikirangaji butandukanye bagahembwa amahera menshi kandi bakaba ari benshi aho guhemba neza abakozi baja ku rubuga nkabo baganga baja kuvura umwenegihugu kuko nibo bazana umusaruro uboneka.

Kugira ivyo vyose bitoregwe umuti Parcem Burundi isaba ibi bikurikira:

  • Icambere nuko hoba isubirwamwo ry’ingene amafaranga ya Reta ashirwa mu bisata bitandukanye,
  • Icakabiri hakwiye kugabanywa abakozi benshi bo hejuru mu bushikiranganji butandukanye cane cane mu bw’amagara y’abantu ahubwo bagaha agaciro urya muganga aja ku rubugo kuvura umwenegihugu.

Parcem Burundi ibonako igikenewe kugira abaganga bagume mu guhigu aruko bafatwa neza , kuko turavye umuganga imyaka amara ariko ariga tukihweza n’ico igihugu kimukeneyeko nawe ategerezwa kubironkeramwo akarusho. Nk’amafaranga yagenewe ubushikirangaji bw’amagara y’abantu angana n’imiliyaridi 172 , n’izindi 164 zizova hanze ucubona neza ko ico gisata kidafise uburyo bukwiye.Reta yari ikwiye gufata nka nkama ico kibazo , amafaranga agashirwa ah’akanewe , hanyuma hagaca habaho igenzura rikomeye ku bushikiranganji bwose ry’ingene bukoresha amafaranga buba bwahawe.

Une réflexion sur “Indinganizo y’imishahara n’ikoreshwa nabi ry’amafaranga ya leta navyo bituma igihugu kidatera imbere.

Les commentaires sont fermés.