
Abihweza utuntu n’utundi babona yuko leta ya President Evariste Ndayishimiye yaje idafise imigambi irashe yo guteza imbere mu butunzi igihugu c’Uburundi. Nk’uko biboneka, umukuru w’igihugu afata umwanya munini ariko aridoga canke ariko araja mu manama hirya no hino ntafate ingingo ziboneka zo guteza imbere igihugu. Uturorero yafashe umugambi wo kuzibira ibinogo mu mabarabara aho kuyibaka, yafashe umugambi wo kuvomera uturima two muci aho kugira imigambi yo kurima ibiteza umwimbu w’igihugu mu kuvomeza amapompo n’ubundi buhinga bugezweko,,yagize umugambi wo kworora inkwavu ku rugo ku rugo, atan’aho urashika yasimbiye ku borozi b’ingurube nabo. Ivyo vyose biboneka yuko ariko ariruka mur’ibi na biriya ariko yuko ari imigambi idashikana igihugu kw’iterambere.
Umushikiranganji w’uburimyi n’ubgorozi nawe mu nama yariko aragirisha ari kumwe n’abashikiranganji, uwo ikigega ca Leta n’Uwo umutekano n’iterambere ry’ama Komune, yavuze yuko urugo rwose rutegerezwa kugira nyabarega 2 kandi rugatera n’amabungo 3. Ivyo vyose vyumvikana neza mugabo ivyo sivyo bizoshikana Uburundi kuri ya mbono y’igihugu ya 2030-2060.
Hari umwenegihugu yiyumviriye uwo mushikiranganji agira ati: “amavoka arazimvye cane muri kino gihe.
Ivoca ribanguriye ritangura kwama hagati y’imyaka ibiri n’igice n’imyaka itatu n’igice.
Uwo mugambi wari gufasha igihugu, hamwe n’abahoze kurugamba waraburijwemwo kubera ukwikunda: abawishe ninabo batoteje abandi kugeza kino gihe.
None urugo rwose rwohimirizwa gutera ibiti bitatu vy’amavoka, umwimbu ntiwokwunganira igihugu?
Uteye ibiti bitatu vy’amavoka n’uwuteye amabungo atatu ninde yokwunguka?
ntakekeranya, ivoka rifise isoko ryagutse, kugiti ushobora gukurako ibiro 600 kumwaka, kandi igiti kiraramba gushika kumyaka 70
None ibungo ritanga umwimbu ungana gute kumwaka? Rimara ikiringo kingana gute?
uwoshaka kwunguka cane, yotera ibiti bitatu vy’amavoka hanyuma agatera iruhande amabungo akabitonderako”
Abarundi barakwiriye abarongozi bafise imigambi yizwe neza ku buryo igirira akamaro Umurundi wese uyu munsi n’ejo. Abobikora ni umurundi wese yoshigwa imbere agakora ivyo azi yanonosoye kandi vyemerwa n’ubuhinga bifitiye kazoza igihugu.