Amafaranga mu Burundi aguma anyika ngo yasubiriye kubura kandi.

Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye ntako atagize kugira ngo amafaranga y’igihugu agume muri banki ariko bisa n’ivyamutaye kuw’amazi. Yarahinduye inoti, arakura n’izindi mu bantu ( démonétisation) azana amafaranga mashasha mugabo biba impfagusa. Iryo bura ry’amafaranga y’amarundi ryaherekejwe n’ibura ry’ amafaranga mvamakungu. Mbere yahavuye atangaza yuko abahinga ba FMI na Bank Mondiale bamwagirije yuko ariwe Ivyo vyose bivako mu gukoresha nabi itunga ry’igihugu. Yahavuye apfunga yongera arapfungura umurongozi wa banki nkuru y’igihugu ahejeje kumusubiriza.

Mur’ivyo vyose President Evariste Ndayishimiye aguma yagiriza abantu atadomako urutoke yuko aribo banyegeza ayo mafaranga. Mwokwibuka yuko hasatswe kandi hagapfungwa uwahora ari umushikiranganji wa mbere, haravuzwe n’abandi bategetsi bahora muri leta ya Petero Nkurunziza mugabo yuko ataco bahanovye. N’ubu rero ngo amanoti yoba yasubiriye gukena. Uwanditse yagize ati: «

Ngo boba basubiriye kinyegeza inoti za 5000 na 10 000, ngo idorari naryo kwisoko yirabura rigeze kuri 4800

None ibi bikogwa nababa Hima?

Nitureke kwisamburirako burya abatakaje igihugu Imana yabahaye naho basenga, ntiba ikibumva.

Ndiko ndibaza, nkubu BRB yofata ingingo yogukura muri circulation inoti za 5000 na 10 000, inoti nini ikora ikaba iya 2000, nibazako abo bayanyegeza boturura.

Umuntu yonyegeza imiriyoni nki 100 za 2000, yoba arinda, kandi yohava ayagabura n’imbeba.

Abagura ibintu vy’amahera menshi nibahimirizwe barihe hakoreshejwe ama banki.

Kubaguzi batobato hakore: Ecocash, Lumicash, e-noti, IBBM+, …

Abantu bagabanye kugendana umuganda w’amahera.

Munyumve neza

Gukura muri circulation inoti za 5000 na 10 000 ntibisigura kuzitesha agaciro kazo. Ariko BRB ireka kuzirungika mu mabanko y’ubudandaji, uwugiye kubikura, bakamuha izabibiri gusa

Ayo mahera arundwa mu mazu, ninayo akoreshwa n’inkozi zibibi »

Mu kirundi bakunda kuvuga ngo urupfu n’impfane birajana kandi bakongerako ngo Uwo binaniye yikurayo ngo ikirago kiranyerera. Ibiriko biribonekeza muvyerekeye amafaranga mu Burundi ntahandi kw’isi twari bgavyumve kandi ntibatahura ingene amafaranga ava mu kigega c’igihugu agahoka, akayonga ntibamenye irengero.

Tubibutse yuko iyo mu bihugu vyacu ata mafaranga mva makungu ahari haca habira n’ibikoresho mvamakungu igihugu gikenera nk’imiti, ifumbire, ibitoro, ivyo gukora isukari, ibinyobga n’ibindi bigize ubuzima bg’igihugu. Abahinga bibaza yuko iryo bura mu mafaranga batororondera ngo mu bantu bayanyegeza kuko ntaco vyobamarira, mugabo boronderera muri politike mbi y’ubutunzi ikoreshwa n’ubutegetsi buhari.